Umumenyereza wa Real Madrid avuga ko akunda ‘cane’ Paul Pogba wa Manchester United

Paul Pogba yarafashije Ubufaransa gutsindira igikombe c'isi yose mu mwaka wa 2018 mu Burusiya Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images & EPA
Image caption Paul Pogba (ibubamfu) yarafashije Ubufaransa gutsindira igikombe c'isi yose mu mwaka wa 2018 mu Burusiya

Umumenyereza Zinedine Zidane w'umurwi wa Real Madrid wo muri Espanye avuga ko akunda "cane" umukinyi wo hagati wa Manchester United, Paul Pogba, akavuga ko "azi kugora icari co cose ari mu kibuga".

Ku ruhande rwiwe, mu gihe yari aramutse akinira umurwi nserukiragihugu w'Ubufaransa, Paul Pogba w'imyaka 26 y'amavuko yamenyesheje ko "ata mukinyi n'umwe atipfuza gukinira" Real Madrid.

Imbere y'uko haba urukino hagati ya Real Madrid n'umurwi Huesca ku munsi wa Mungu mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru rya Espanye, La Liga, Zidane yigeze kuba kizigenza w'umurwi nserukiragihugu w'Ubufaransa yavuze ati: "Ndamuzi cane".

"Akina neza cane kandi ni abakinyi bake bashobora gukora nk'ivyo akora".

Pogba yasubiye mu murwi Manchester United mu mwaka wa 2016 avuye mu murwi Juventus, aguzwe amahera arenga imiliyoni 116 z'amadolari y'amanyamerika, akaba ariwe mukinyi wa mbere yari aguzwe amahera menshi cane muri kahise k'umupira w'amaguru ico gihe .

Mu ntango z'ihiganwa rumupira w'amaguru mu Bwongereza uno mwaka wa 2018-2019 , kazoza kiwe muri uwo murwi kagiyemwo igipfungu mu gihe vyavugwa cane ko hari ukutumvikana hagati yiwe n'uwari umumenyereza w'uwo murwi ico gihe, Jose Mourinho.

Ariko, kuva Ole Gunnar Solskjaer asubiriye Mourinho yirukanywe mu kwezi kwa cumi na kabiri kw'umwaka uheze wa 2018, Pogba yagumye atera itambwe, aho amaze kwinjiza ibitsindo icenda vyose kuva uyo munya Norvege ahawe amabanga yo kumenyereza uwo murwi.

Zidane yongeye avuga ati:"Ni umukinyi wo hagati azi gusubira inyuma kugira afashe abakinyi b'inyuma, akamenya n'ingene ashobora kuja imbere kugira afashe abasatirizi".

"Ariko si umukinyi wanje, ari muri Manchester.

Umumenyereza Zidane yagarutse mu murwi Real Madrid ku wa 11 ntwarante uno mwaka wa 2019 haciye amezi cumi gusa asezeye uwo murwi.

Avuga ati: "Pogba yamye avuga ko, havuye Manchester, Madrid ari wo murwi umuryohera. None mu gihe azoba ahereje kwerekana ubuhinga bwiwe muri Manchester, icobuza ko aza muri Madrid ni igiki"?

Ariko, David Moyes yigeze kumenyereza umurwi wa Manchester United, yabwiye Radio 5 ya BBC mu kiganiro Sportsweek ko uwo murwi "udapfa gutanga abakinyi mu gihe bo nyene badashatse kugenda".

Manchester United waragurishije Christiano Ronaldo ku murwi Real Madrid mu mwaka wa 2009, ku mahera arenga imiliyoni 104 z'amadolari, Man U ukaba wamenyesha ko uyo mukinyi w'imbere akomoka mu gihugu ca Portugali yari "yasavye ko yogenda".

Ibindi bisa n’ibi