Ethiopia ivuga ko ititeguriye kwakira inkino za CHAN 2020

Igihugu ca Maroc nico caheruka gutwara igikombe c'ihiganwary'umupira w'amaguru rihuza imirwi ikinira iwabo, mu mwaka wa 2018 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Maroc niyo yaheruka gutwara igikombe c'ihiganwa ry'umupira w'amaguru rihuza imirwi ikinira iwabo, CHAN 2018 ryabereye muri ico gihugu nyene

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru mu gihugu ca Ethiopia, EFF, rivuga ko rifise ubwoba ko ridashobora kwakira ihiganwa ry'umupira w'amaguru rihuza imirwi ikinira iwabo, Championnat d'Afrique des nations (CHAN).

Esayas Jira arongoye ishirahamwe EFF avuga ko bakiri inyuma cane mu myiteguro.

Avuga ati: "Ibibuga ntibiteguye kandi umwaka uza uzoba ari umwaka w'amatora y'abashingamateka, bikaba vyotugora kwakira iryo higanwa".

"Jewe nk'umukuru wa EFF ndafise amakenga kuko, n'aho twipfuza kwakira izo nkino, mfise ubwoba ko tudashobora kuba twiteguye".

Jira yatowe ngo arongore iryo shirahamwe mu kwezi kwa gatandatu kw'umwaka uheze, inyuma y'aho ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Afrika, CAF, rihereye uburenganzira igihugu ca Ethiopia bwo kwakira iryo higanwa.

Yongeyeko y'uko haciye ukwezi umurwi w'abagenduzi b'ishirahamwe Caf, bagendeye Ethiopia, ariko ko batarashikiriza icegeranyo cabo.

Ibindi bisa n’ibi