Liverpool yashoboye kwibagiza abakunzi bayo ivy’ukunyerera mu 2014 ikina na Chelsea

Intsinzi ya Liverppol kuri Chelsea mu rukino rw'ejo ku wa Mungu yatumye imitima isubira hamwe Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Intsinzi ya Liverppol kuri Chelsea mu rukino rw'ejo ku wa Mungu yatumye imitima isubira hamwe

Igihe Andy Robertson anyerera mu gice ca kabiri c'urukino rwahuje uwo murwi na Chelsea ejo ku wa Mungu ku kibuga Anfield ca Liverpool, umutima warasimvye kuko vyibukije ivyabaye mu mwaka wa 2014.

Vyarabonetse ko inkovu y'ukunyerera kwa Steven Gerrard yari kizigenza w'uwo murwi ico gihe itarazimangana.

Ico gihe, Liverpool yari ifise icizere ko yashobora gutsinda urwo rukino, ariko ikarutatakaza itsinzwe ibitsindo bibiri ku busa, inyuma y'aho Gerrard anyerereye agatakaza umupira waciye ufatwa n'umukinyi Demba Ba akinjiza igitsindo ca mbere ca Chelsea.

Mu rukino rw'ejo, umunezero warabaye mwinshi cane inyuma y'aho Liverpool igaruriye umupira wari utakajwe na Robertson yari anyereye nk'uko Gerrard yanyereye, bituma ivyabaye mu 2014 bidasubira.

Eka n'umumenyereza wa Liverpool nawe nyene, Jurgen Klopp, yarerekanye akamwemwe kadasanzwe aho yari ari inyuma y'ikibuga.

Inyuma y'aho abakinyi Sadio Mane na Mohamed Salah ba Liverpool batsindiye ibitsindo bibiri mu kiringo c'iminota ibiri, vyabonetse ko ibihe bitandukanye.

Umurwi wa Chelsea waragerageje gusatira bikomeye umurwi wa Liverpool ariko biranka.

Liverpool yarashoboye gusubiza hamwe imitima y'abakunzi bayo bari bakibabajwe n'ivyashitse mu mwaka wa 2014.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Igihe Steven Gerrard anyerera, Demba Ba yinjije igitsindo catumye Liverpool itakaza icizere c'ugutsindira ihiganwa rya 2013-2014

Imbere y'aho ku munsi wa gatanu, Klopp yari yamenyesheje ko urukino rwo mu mwaka wa 2014 ata nkurikizi rwashobora kugira mu rukino rw'ejo ku wa Mungu.

Urwo rukino rwo mu mwaka wa 2014 Liverpool yatakaje mu buryo bw'igitangaza, rwatumye Manchester City itahukana ikibanza ca mbere mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza.

Uyo mumenyereza Klopp akomoka mu gihugu c'Ubudagi amenyesha ko ubuhinga bw'uwo murwi akesha abo bafatanije kumenyereza Liverpool bwatumye uwo murwi ushobora kwibagira ivyawushikiye ico gihe.

Avuga ati : "Ubu rero turashobora kuzinga igitabo kivuga ivy'ukunyerera. Robertson yaranyereye kandi ntacabaye, urumva si ibintu vyama bishikira Liverpool. Biraheze."

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Klopp avuga ko ivy'umwaku wo kunyerera muri Liverpool biri muri kahise

Muri iri higanwa ry'uno mwaka rigoye kumenya ingene rizorangira, intsinzi y'ejo ya Liverpool yayihaye icizere ko inzira zuguruye kugira ngo ishobore gusubira gutsindira iryo higanwa inyuma y'imyaka 29.

Inyuma y'urwo rukino, Klopp yavuze ati: "Ico dushaka, ni uko turonka amanota menshi ashoboka. Ubu dufise amanota 85, vyumvikana ko dushobora kuronka 97 mu nkino zine zisigaye."

Mu gihe iryo higanwa riri hafi kurangira, umurwi wa Liverpool usigaje inkino zine, ukaba usumvya Manchester City amanota abiri ariko yoyo ikaba isigaje inkino zitanu.

Ari nka hamwe Liverpool yorangiza ihiganwa idasubiye gutsindwa, umurwi wa Manchester City nawo - biboneka ko ufise ishaka ridasanzwe - ugatakaza na rumwe canke ukanganya, Liverpool yoca itsindira iryo higanwa. Ariko bitagenze uko, ntacobuza ko itakaza ayo mahirwe.