Jenas avuga ko Manchester United yihenze gutora Ole Gunnar Solskjaer nk’umumenyereza

Ole Gunnar Solskjaer Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Solskjaer yatakaje inkino zibiri muri Champions League yatsinzwe na Barcelone

Jermaine Jenas yigeze kuba ari umukinyi wo hagati w'umurwi wa Manchester United (Man U) avuga ko uwo murwi wihenze mu gutora Ole Gunnar Solskjaer nk'umumenyereza.

Solskjaer yahoze akinira uwo murwi, mbere akaba yarandikishije amateka mu mwaka wa 1999 mu gutsinda igitsindo cahaye igikombe Man U mw'ihiganwa rihuza imirwi yayabe iya mbere i Bulaya, yasubiriye Jose Mourinho mu kwezi kwa 12 kw'umwaka uheze wa 2018.

Amaze kugenwa vy'imfatakibanza, yarashoboye gutsinda inkino 10 kw'11, ari naho yaciye agenwa kuba umumenyereza burundu w'uwo murwi. Ariko kuva ico gihe, amaze gutakaza inkino zitanu ku ndwi.

Jenas abajijwe na BBC Sport ivya Solskjaer kuba umumenyereza, yishuye ati: " Numva ko habaye ibishobisho mu gutora Ole".

Igihe Solskjaer atorwa, umurwi wa Man U wari mu kibanza ca gatandatu mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza, Premier League, ukaba wasumbwa amanota 11 n'umurwi wari mu kibanza ca kane.

Man U yagumye muri ico kibanza gushika ubu, ariko Arsenal iri mu kibanza ca kane ikaba isumvya uwo murwi amanota abiri gusa.

Uwo mumenyereza akomoka mu gihugu ca Norvège abakunzi b'umupira baramubonye nk'umumenyereza akomeye, igihe atsindiye Paris St Germain (PSG) ku kibuga cayo 3-1, mu gihe PSG yari yatsinze umurwi wa Man U ku kibuga cawo ibitsindo 2-0 mu rukino rwa mbere, hari mw'ihiganwa rihuza imirwi yayabe iya mbere i Bulaya.

Ariko ivyizigiro muri iryo higanwa vyagiye kurangira igeze mu gice ca kane gishira ica nyuma, aho mu nkino zibiri zose yatsinzwe n'umurwi wa Barcelone wu mu gihugu ca Espagne ibitsindo bine ku busa.

Abajijwe na BBC Radio 5 Live nimba Solskjaer ari we mumenyereza Manchester United yari ikeneye, Jenas yishuye ati: " Oya! Numva ko ari ingingo yafashwe kubera ibishobisho aho kubanza kwiyumvira neza".

"Kimwe muvyo bategerezwa kwibagira ni ugufata ingingo urabiye ku vyakozwe n'abandi. Uko siko Manchester United yamye imeze. Sir Alex Ferguson yarakoze ibintu yari yisangije kandi vyari bigoye ko Manchester United ironka umumenyereza ameze nkawe mu bamenyereza bakomeye kw'isi".

"Igihe Pep Guardiola aja kumenyereza Manchester City ntiyigeze avuga ngo 'Mancini na Pellegrini bakoze gute kugira batsinde ihiganwa?' Yaraje hanyuma arakora ico yashaka gukora".

"Jurgen Klopp yarabikoze muri Liverpool, yari afise ingene we akora. Ico nico gikenewe muri Man U, sinibaza ko bategerezwa guta umutwe barondera umuntu ameze nka Ferguson, hakenewe umuntu afise ubuhinga bwiwe. Mourinho yaragerageje kubikora ariko uwo murwi ntiwashoboye kumwumva.

"Nibaza ko batazi ico bariko barakora".