Caster Semenya yatsindiye ihiganwa ry’ugusiganwa ku metero 800 i Doha inyuma y’aho atsindiwe mu rubanza na IAAF

Caster Semenya i Doha Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Semenya yakurikiwe n'umurundikazi Francine Niyonsaba mw'ihiganwa ry'ugusiganwa ku metero 800 muri Doha Diamond League

Caster Semenya wo mu gihugu ca Afrika y'Epfo avuga ati "nta muntu n'umwe ashobora kumbuza kwiruka", inyuma y'aho atsindiye ihiganwa ry'ukwiruka ku metero 800, mw'ihiganwa ryiswe Doha Diamod League mu gihugu ca Qatar mu gihe havugwa vyinshi kuri kazoza kiwe.

Ivyo bibaye iminsi ibiri inyuma y'aho uyo mwigeme w'imyaka 28 y'amavuko atsindiwe mu rubanza yari yunguruje ku ngingo yafashwe n'ishirahamwe IAAF rijejwe ukwinonora imitsi kw'isi.

Semenya yariyamirije ingingo ya IAAF yo kugabanya ibinyamubiri vya kibago bita "testosterone" mu mubiri w'abigeme bahiganwa mu nkino z'ukwiruka, aranunguruza urubanza muri sentare ijejwe gutatura amatati ashingiye ku kwinonora imitsi, Tribunal Arbitral du Sport.

Ariko iyo sentare ikaba yaranse ibirego bivugwa n'uyo munonotsi.

Semenya yabwiye BBC Sport ati: "Ibikorwa biruta amajambo".

"Iyo uri umunonotsi akomeye, urakora."

"Vyose ni Imana, Imana niyo yandemye uko meze, Imana niyo izohagarika ubuzima bwanje, Imana niyo yampaye akazi kanje, Imana niyo izohagarika akazi kanje. Nta mugabo n'umwe, canke umuntu uwo ari we wese, ashobora kumbuza kwiruka".

Iryo higanwa ryo mu gisagara ca Doha niryo higanwa rya nyuma kuri Semenya, imbere y'uko ayo mategeko mashasha ya IAAF atangura gukurikizwa kw'igenekerezo rya 8 z'uku kwezi kwa gatanu.

Semenya yongeye avuga ati: " Nohagarika gute ku myaka 28? Numva nkiri muto kandi ngifise inguvu. Ndacafise iyindi myaka 10 canke irenga ninonora imitsi".

"Igikenewe si ingene nzobigenza, ahubwo ni uko nzobandanya nkora. Si ndota mpeba".

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Nk'uko amategeko mashasha ya IAAF abitegekanya, Semenya - co kimwe n'abandi banonotsi b'abigeme bafise imikorere y'igitsina itandukanye n'uko bategerezwa kumera - bazotegerezwa gufata imiti kugira ngo bemererwe guhiganwa kuva ku metero amajana ane (400m) gushika ku 1500.

Bitagenze uko, abanonotsi nk'abo bategerezwa guhindura igisata c'imetero bashobora guhiganwamwo.

Ku munsi wa kane, aciye ku rubuga hwaniro rwa Twitter, Semenya yavuze ko ashobora guheba kuja mu mahiganwa, akavuga ariko ko ikibazo ari ukumenya igihe nyaco co gusezera.

Ariko abamenyeshamakuru bamubajije nimba azoshobora gufata imiti kugira ngo ashobore kwemererwa guhiganwa ku metero 800, yishuye ati: " Yemwe, oya!"

Iyo ntsinzi yaronse mu gihe iryo higanwa ryugururwa yagize iya 30 yikurikiranije ku metero 800.

Uyo munonotsi nta munezero yerekanye aho atsindiye abo bahiganwa mu mwanya w'umunota n'imisegonda 54,98.

Umurundikazi Francine Niyonsaba yabaye uwa kabiri, akurikirwa n'umunyamerikakazi, Ajee Wilson.

Semenya arashobora kwunguruza urubanza ku ngingo yemejwe na sentare ijejwe gutatura amatati yerekeye ukwinonora imitsi mu kwitura amasentare ajejwe inkino yo mu gihugu c'Ubuswisi mu minsi 30.