Imirwi ine irwanira ikibanza ca gatatu n’ica kane mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza

Juan Foyth yahawe ikarata itukura haciye iminota ibiri n'imisegonda 13 igice ca kabiri gitanguye
Image caption Juan Foyth yahawe ikarata itukura haciye iminota ibiri n'imisegonda 13 igice ca kabiri gitanguye

Mu gihe imirwi ya Liverpool na Manchester City iriko irwanira ikibanza ca mbere, ibintu ntibiradadanuka ku mirwi izofata ikibanza ca gatatu n'ica kane hagati ya Tottenham, Chelsea, Arsenal na Manchester United.

Tottenham, yarahushije umwanya mwiza w'ukwinjira burundu mu mirwi ine ya mbere inyuma y'aho itakarije urukino rw'ejo ku wa gatandatu itsinzwe n'umurwi wa Bournemouth, igitsindo kimwe caje kuboneka ku munota wa 91.

Ibintu ntivyari vyifashe neza na gato ku murwi wa Tottenham wagiye guheza urukino ufise abakinyi icenda gusa mu kibuga, aho rero ni inyuma y'aho ukubitiwe n'umurwi Ajax wo mu gihugu c'Ubuholande mw'ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere i Bulaya (Uefa Champions League).

Ku munota wa 43, umukinyi Son Heung-min yabanje ahabwa ikarata itukura kw'ikosa yakoreye Jefferson Lerma wa Bournemouth.

Uwo ivyago vyagiye n'ivyatsi ntibimubisa. Haciye iminota ibiri gusa igice ca kabiri c'urukino gitanguye, umukinyi Juan Foyth nawe yahawe ikarata itukura inyuma y'aho ahonyoreye umukinyi Jack Simpson wa Bournemouth.

Foyth niho yari agitangura urukino kuko yari yinjiye asuburiye umukinyi Benjamin Thomas Davies.

Ibintu rero ntivyoroheye Mauricio Pochettino n'abantu biwe biteze gukina mu ndwi iza n'umurwi wa Ajax mu gice ca kabiri gishira ica nyuma muri Champions League, be na Everton mu rukino rwa nyuma rw'ihiganwa ry'Ubwongereza.

Yavuze ati: "Ntivyoroshe na gato gukina n'uwo muhanganye abasumvya abakinyi babiri".

Pochettino avuga ko n'aho biri uko yishimiye ikibanza umurwi wiwe ugezemwo gushika ubu, haba mw'ihiganwa ry'Ubwongereza canke muri Champions League, akavuga ko ikizoba azocakirana umunezero, kuko kuri we ngo nta n'umwe yari yiteze ko Tottenham ishika aho ishitse.

"Turi mu rugamba ruduhuza n'imirwi itandatu, ntibishoboka ko iyo yose ija mu bibanza bine vya mbere, ibizoba nzovyishimira, eka n'ibizoba mu rukino ruzoduhuza na Ajaz nzovyishimira uko nyene".

Tottenham iri mu kibanza ca gatatu n'amanota 70, ikaba isigaje urukino rumwe gusa. Mu gihe imirwi ya Chelsea, Arsenal na Manchester United iyisugereje yose ikina kuri uno munsi wa Mungu, Tottenham irashobora gutakaza ico kibanza irimwo ari nka hamwe Chelsea yoramuka itsinze Watford.

Ingene izo nkino zihagaze, biraboneka ko ibintu bizoguma mu gipfungu gushika ku munsi wa nyuma w'ihiganwa mu gihe imirwi ya Chelsea, Arsenal na Manchester United yoramuka itsinze inkino zayo zo kuri uyu wa Mungu.

Ni mu gihe kandi n'ikibanza ca mbere kikirwanirwa bikomeye n'imirwi ya Liverpool isigaje urukino rumwe, na Manchester City isigaje inkino zibiri, harimwo n'urwo izokina ejo ku munsi wa mbere aho izokwakira ku kibuga cayo umurwi wa Leicester.

Image caption Divock Origi yinjije igitsindo ca gatatu cahaye intsinzi Liverpool ku munota wa 86

Mu rukino rw'ejo ku wa gatandatu rutari rworoshe na gato, Liverpool yarashoboye gutahukana intsinzi y'ibitsindo bitatu kuri bibiri, mu rukino rwayihuje na Newcastle, ica isubira mu kibanza ca mbere.

Nta nkeka ko Liverpool n'abakunzi bayo basenga basaba ko Leicester yotsinda urukino rw'ejo ku wa mbere, kugira ngo bagire icizere co gushobora gutahukana ikibanza ca mbere mwihiganwa ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza, baherukamwo mu mwaka wa 1989-1990.

Hagati aho, imirwi ya Cardiff, Fulham na Huddersfield ikaba yamanutse mu cicaro ca kabiri bita Championship.

Ibishije imirwi ya Norwich City na Sheffield United imaze kumenyekana ko yaduze muri Premier lgeague, ikaba irindiriye hagati ya Leeds United, West Brom, Aston Villa na Derby County uwuzovyifatamwo neza ihiganwa rya Championship rirangiye kw'igenekerezo rya 27 z'ukwa gatanu.