Umurwi IS uvuga ko wateye ikirindiro ca Jenerali Khalifa Haftar mu bumanuko bwa Libya

Abarwanyi b'umuhari Libyan National Army (LNA) bahanganye n'abarwanyi ba leta ya Libya ishigikiwe na ONU Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Abarwanyi b'umuhari Libyan National Army (LNA) bahanganye n'abarwanyi ba leta ya Libya ishigikiwe na ONU

Umurwi w'abarwanyi wiyitirira Leta ya ki Isilamu (IS) uvuga ko ariwo wateye inkambi y'imyimenyerezo y'umurwi urwanya leta ya Liya urongowe na Jenerali Khalifa Haftar.

Amakuru ava mu bigo vy'ubuvuzi avuga ko abantu icenda ari bo bishwe muri ico gitero cabaye mu gisagara ca Sabha kiri mu bumanuko bw'ico gihugu.

Mw'itangazo wacishije mbuga ngurukanabumenyi, uyo murwi IS uvuga ko wishe canke ukomeretsa abantu 16 muri ico gitero, wongera kandi urekuza abapfungwa bari bapfungiwe mw'ibohero.

Itororokanirizo ry'amakuru Reuters ryaronse inkuru zitangwa n'igisirikare zivuga ko hari ibohero ryari hagati mw'iyo nkambi ryaturiwe, ariko hakaba ata nsigura zatanzwe.

Umutegetsi muri ico gisagara, Hamed al-Khaiyali, yamenyesheje Reuters ko hari n'umusoda umwe yaciwe umutwe muri ico gitero.

Ikigo c'ubuvuzi co muri ico gisagara ca Sabha casohoye itangazo, aho kimenyesha ko abantu icenda aribo bahitanywe n'ico gitero.

Jenerali Haftar yashinze ikirindiro mu buseruko bw'igihugu ca Libya.

Mu kwezi kwa mbere kw'uno mwaka, umurwi wiwe Libyan National Army (LNA) watanguje intambara mu bumanuko bw'ico gihugu, avuga ko ashaka kwomora "imirwi y'iterabwoba n'inkozi z'ikibi" muri ako karere.

Mu kwezi guheze kwa kane naho, Jenerali Haftar yategetse ingabo ziwe gutera umugwa mukuru Tripoli aho ubu zihanganye n'abarwanyi bashigikiye leta y'ubumwe muri ico gihugu, isanzwe ishigikiwe n'amakungu be n'ishirahamwe ONU.

Umushikiranganji wa mbere wa Libya, Fayez al-Serraj, yararahiye ararengwa ko ategerezwa kurwanira umugwa mukuru, akagiriza Jenerali Haftar ko ategura guhirika ubutegetsi.

Igihugu ca Libya kirangwamwo intambara n'indyane za politike kuva aho Muammar Gaddafi yari akirongoye akuriwe ku butegetsi akicwa, inyuma y'imyaka itari mike yari amaze ku butegetsi.

Ibindi bisa n’ibi