Mohamed Salah na Roberto Firmino ntibakina mu rukino ruhuza Liverpool na Barcelona mw'ihiganwa rya Bulaya

Mohamed Salah Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Ku bitsindo 22, Mohamed Salah niwe amaze gutsinda ibitsindo vyinshi mw'ihiganwa ry'Ubwongereza uno mwaka

Abasatirizi ba Liverpool, Mohamed Salah na Roberto Firmino, ntibaza gukina kubera imvune, mu rukino rwo gusubiza ruza guhuza uwo murwi na Barcelona yo muri Espanye kuri uyu wa kabiri, mw'ihiganwa ry'imirwi yabaye iya mbere i Bulaya.

Salah yavuye mu kibuga atwawe ku nderuzo inyuma y'aho asekaniye n'umunyegori w'umurwi wa Newcaste, Martin Dubravka, mu rukino rwo ku munsi wa gatandatu w'indwi iheze rwarangiye Liverpool itsinze Newcaste ibitsindo 3 kuri 2.

Jurgen Klopp, umumenyereza wa Liverpool, avuga ko Salah ataza gukina urwo rukino kubera yababaye mu mutwe, ni mu gihe umurwi wa Liverpool urondera kugarura ibitsindo 3 watsinzwe na Bercelona mu rukino rwo mu ndwi iheze rwabereye ku kibuga cayo, Camp Nou.

Firmino wewe ntiyashoboye gukina muri urwo rukino rwo kuwa gatandatu kubera yari yavunitse.

Klopp avuga ati: "Babiri mu basatirizi b'ihangange kw'isi ntibashobora gukina urukino rwo kuri uyu wa kabiri kandi dutegerezwa gutsinda".

"Ntibiza kworoha ariko turagerageza gukora uko dushoboye mu minota 90 yose kugira ngo urwo rugamba rw'iri higanwa turuheze tunezerewe".

Virgil van Dijk akina inyuma hamwe na Alex Oxlade-Chamberlain ntibashoboye kuja mu myimenyerezo y'ejo ku munsi wa mbere.

Salah yabonetse ko yariko akorora amosozi igihe yatwarwa hanze ku kibuga St James' Park ca Newcaste, ariko Klopp avuga ko uyo mukinyi mpuzamakungu w'igihugu ca Misiri ubu ameze "neza".

Avuga ati: "Abaganga bavuga ko bitameze neza cane. Aripfuza cane gukina ariko ntibishoboka".

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

"Yababaye mu mutwe, vyumvikana ko adashobora kwemererwa gukina".

Ariko Klopp arizeye ko Salah ashobora gukina ku munsi wa Mungu mu rukino rwa nyuma rwa Liverpool mw'ihiganwa ry'uno mwaka mu Bwongereza, aho izokwakira ku kibuga cayo Anfield umurwi wa Wolves.

Mu gihe umurwi wa Manchester City wonyerera, urwo rukino rushobora guha Liverpool akaryo ko gutsindira ikibanza ca mbere muri iryo higanwa, ikibanza iheruka mu mwaka wa 1990.

Firmino wewe yinjiye ku munota wa 79 igihe Liverpool yahura na Barcelona mu rukino rwa mbere, inyuma y'aho Lionel Messi atsindiye igitsindo ca kabiri.

Uyo mukinyi akomoka mu gihugu ca Brezili amaze gutsinda ibitsindo 16 mw'ihiganwa ry'uno mwaka, ntiyashoboye gukina mu mpera z'indwi iheze igihe Liverpool itsinda Newcastle.

Hampande y'abo basatirizi babiri, Liverpool yatakaje kandi umukinyi Naby Keita wo hagati, atanashoboye gukina mu rukino rwo ku munsi wa gatandatu kubera yavunitse mu gihe umurwi wiwe wahura na Barcelona.

Klopp avuga ati: "Dutegerezwa gufata ingingo zitari nke. Urukino rw'ejo [ kuri uyu wa kabiri] ruzoba ari urwa gatatu mu minsi itandatu".

"Barcelona yahinduye abakinyi 11 ku munsi wa gatandatu, turaza kuraba ico biza gutanga".

Hagati aho, ubucishije ku rubuga hwaniro rwa Twitter, umurwi wa Barcelona wipfurije abo bakinyi ko bokira ningoga.

Ibindi bisa n’ibi