Imirwi y’Ubwongereza yandikishije amateka mu gutwara ibibanza vyose bine mu mahiganwa abiri ya mbere ua Bulaya

Tottenham, Liverpool, Chelsea na Arsenal izoserukira Ubwongereza mu nkino za nyuma ku mugabane wa Bulaya Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Tottenham, Liverpool, Chelsea na Arsenal izoserukira Ubwongereza mu nkino za nyuma ku mugabane wa Bulaya

Imirwi yo mu Bwongereza yandikishije amateka mu mupira w'amaguru ku mugabane wa Bulaya mu gufata ibibanza bine vyose vyo mu mahiganwa abiri makuru kuri uwo mugabane.

Mu nkino zabaye ejo kuwa kane, Arsenal yatsinze Valencia yo muri Espanye, Chelsea nayo itsinda Eintracht Frankfurt, ibona yompi gushika mu gice ca nyuma c'ihiganwa rya Europa League.

Ivyo vyabaye inyuma y'aho imirwi ya Liverpool na Tottenham itsindiye imirwi ya Barcelona ya Espanye hamwe na Ajax y'Ubuholande, mw'ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere mu gihugu iwabo kuri uwo mugabane, Uefa Champions League.

Nibwo bwa mbere aho imirwi yose ine yo muri ayo mahiganwa makuru y'umupira w'amaguru i Bulaya iva mu gihugu kimwe.

Ivyari bimaze gushika, ni imirwi ibi yose iva mu Bwongereza igahurira mu rukino rwa nyuma (final) muri ayo mahiganwa, aho Tottenham yatsinze Wolves mu gikombe ca Uefa mu mwaka wa 1971-72, hamwe na Manchester United yatsinze Chelsea muri Champions League mu mwaka wa 2007-08.

Mu mwaka wa 2015-2016 naho, igihugu ca Espanye cagize imirwi itatu yashitse mu nkino za nyuma z'ayo mahiganwa, aho Real Madrid yatsinze Atletico Madrid muri Champions League, umurwi Sevilla wamenyerezwa na Unai Emery nawo utahukana igikombe ca Europa League.

Umumenyereza wa Chelsea, Maurizio Sarri, avuga ati: "Umupira w'amaguru mu Bwongereza uri ku rwego rwo hejuru cane kandi n'ihiganwa rya Premier League niryo higanwa rya mbere i Bulaya".

Arsenal na Chelsea bazohurira mu gisagara ca Baku mu gihugu ca Azerbaijan, ku birometero hafi ibihumbi bine uvuye ku mugwa mukuru w'Ubwongereza Londres, kw'igenekerezo rya 29 z'uku kwezi kwa gatanu.

Muri urwo rukino, mu gihe Chelsea yoyo yamaze kuronka uburenganzira bwo kuja mw'ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo, umurwi wa Arsenal nawo nyene ushobora kuharonkera ubwo burenganzira mu gihe wotwara ico gikombe utsinze Chelsea.

Imirwi ya Tottenham na Liverpool nayo izohurira mu gisagara ca Madrid kw'igenekerezo rya mbere z'ukwa gatandatu, mu gihe abakunzi b'iyo mirwi bahanzwe n'ikibazo c'ukwiyunguruza.

Ivyashitsweko n'iyo mirwi yo mw'ihiganwa rya Premier League bisigura kandi ko n'igikombe mpuzabikombe (Super Coupe de l'UEFA) kizohiganirwa n'imirwi y'Ubwongereza gusa mu kwezi kw'umunani mu gisagara ca Istanbul muri Turkiya.