Manchester City yasubiye kwiyambika iteka mu gutsindira ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza

Manchester City yikurikiranije gutsindira igikombe c'igihangwa ry'Ubwongereza irangije ifise amanota 98 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Manchester City yikurikiranije gutsindira igikombe c'igihangwa ry'Ubwongereza irangije ifise amanota 98

Urugamba rwa Liverpool rwo kurondera gutsindira ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza (Premier League) rwaraye rurangiye uyo murwi udashitse kw'ihangiro n'aho watsinze umurwi Wolverhampton mu rukino rwa nyuma.

Mu nkino z'ukurangiza iryo higanwa ejo ku munsi wa Mungu, Liverpool yafashe ikibanza ca mbere kuva ku munota wa 17, inyuma y'igitsindo ca mbere cinjijwe n'umukinyi Sadio Mané, mu gihe Manchester City yari ihanganye na Brighton itari bwaronke igitsindo.

Eka mbere n'abakunzi ba Manchester City imitima yarasimvye, igihe umukinyi Glenn Murray w'umurwi Brighton wariko ukinira ku kibuga cawo yinjirije igitsindo ca mbere c'uwo murwi ku munota wa 27.

Ariko Man city yari yaje yakenyeye. Yinjiye mu kibuga izi neza ko mu gihe yotsinda yategerezwa kwiyongera igikombe.

Hadaciye n'akanya, inyuma y'umunota umwe gusa, Sergio Kun Aguero yaciye yinjiriza Man City igitsindo c'ukunganya, gutyo umwizero usubira kugaruka ku bakunzi bayo.

Inyuma y'iminota cumi, Aymeric Laporte yaciye asubiza Mancehster City ku kibanza ca mbere, inyuma y'aho yinjirije igitsindo ca kabiri c'uwo murwi, ikibanza itasubiye kurekura gushika urukino ruhere ifise amanota 98, ahubwo yagumye itsimbataramwo mu kwinjiza ibindi bitsindo, ku munota wa 63 na Riyad Mahrez no ku munota wa 72 na Ilkay Gundogan.

Manchester city yari isanganywe igikombe c'iri higanwa yongeye kugitahukana, ikurikirwa n'umurwi wa Liverpool mu kibanza ca kabiri n'amanota 97, wari witeze ko umukeba wawo anyerera maze bagasubirana iryo teka baheruka mu mwaka wa 1989-1990.

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Sadio Mané yinjije ibitsindo bibiri, ku minota ya 17 na 81

N'aho urugamba rurangiye indoto za Liverpool ataho ziyishikanye, irafise amahirwe y'ukwiha iteka, mu gihe yotsindira igikombe c'ihiganwa rihuza imirwi yabaye iyambere i Bulaya (Uefa Champions League), mu rukino rwa nyuma ruzoyihuza na Tottenham ku wa 02 z'ukwezi kwa gatandatu.

Ku rundi ruhande, Chelsea yatahukanye ikibanza ca gatatu n'amanota 72, inyuma y'inota rimwe yatahukanye ejo mu gihe yakina n'umurwi wa Leicester.

Tottenham iza inyuma ya Chelsea mu kibanza ca kane n'amanota 71, mu gihe Arsenal yoyo ihejeje iri higanwa iri mu kibanza ca gatanu n'amanota 70.

Ariko ibintu ntivyoroshe ku murwi wa Manchester United kuko yagiye guheza ihiganwa nabi, aho itsindiwe ibitsindo bibiri vyose ku busa ku kibuga cawo n'umurwi wa Cardiff wamaze kumanuka mu cicaro ca kabiri.

Image caption Ingene imirwi ihagaze mw'ihiganwa rya Premier League

Imirwi ya Cardiff, Fulham na Huddersfield ihejeje ihiganwa nabi kuko yamanutse mu cicaro ca kabiri bita Championship.

Ibishije imirwi ya Norwich City na Sheffield United imaze kumenyekana ko yaduze muri Premier lgeague, ikaba irindiriye hagati ya Leeds United, West Brom, Aston Villa na Derby County uwuzovyifatamwo neza ihiganwa rya Championship rirangiye kw'igenekerezo rya 27 z'ukwa gatanu.