Daniel Arap Moi yahoze arongoye Kenya yategetswe kuriha amande ku caha co kunyaga itongo ry'umupfakazi

Image caption Daniel Arap Moi yabaye umukuru w'igihugu ca Kenya kuva mu mwaka wa 1978 gushika mu 2002

Sentare yo mu gihugu ca Kenya yategetse uwahora ari umukuru w'ico gihugu, Daniel Arap Moi kuriha ihadabu y'umuliyaridi urenga w'amashilingi, inyuma y'ukwigarurira itongo ry'umupfakazi bidaciye mu mategeko.

Umucamanza avuga ko Bwana Moi yigaruriye itongo ringana n'ihegitri 53 ryegukira umupfakazi Susan Cheburet Chelugui.

Haraciye imyaka 36 Bwana Moi yigaruriye iryo tongo bidaciye mu mategeko, ariko rikaba ryagiye kumwandikwako mu mwaka wa 2007.

Umutambukanyi wa Susan, Chelugui Noah Chelugui, yari umutware ku butegetsi bwa Bwana Moi.

Uyo yahoze arongoye igihugu ca Kenya ikiringo kitari gito, yaragirijwe n'umupfasoni Chelugui be n'umuhungu wiwe David Chelugui, yo yagiye kwiyandikako itongo ry'umuryango wabo haciye imyaka ibiri serugo amaze kwitaba Imana.

Bivugwa ko mu nyuma Bwana Moi yagurishije iryo tongo kuri kompanyi ihingura imbaho yitwa Rai Plywood Limited.

Iyo kompanyi yabwiye abacamanza ko iryo tongo yariguriye Moi mu mwaka wa 2007, inyuma y'aho bakoreye amatohoza ko riri mu mategeko.

N'aho biri uko, umumenyeshamakuru wa BBC Mercy Juma ari i Nairobi, avuga ko Bwana Moi atashoboye kwereka sentare icemezo na kimwe cerekana ingene yaronse iryo tongo.

Umucamanza Anthony Ombwayo avuga ko Bwana Moi yagize inyifato "idasanzwe, y'uguhonyanga ibwirizwashingiro, y'ukudakurikiza amategeko" kandi "itabereye".

Bwana Moi yabaye umukuru w'igihugu agira kabiri wa Kenya kuva mu mwaka wa 1978, akaba yagiye kuva ku butegetsi mu mwaka wa 2002.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Ashirwa mu bategetsi batwaza igikenye, akagirizwa ko yahonyanze agateka ka zina muntu.

Amaze kuremerwa n'amakungu, yaremeye ko haba amatora ashingiye ku migambwe myinshi mu mwaka wa 1992, amatora avugwa ko yabayemwo ubusuma, ari vyo vyatumye haduka imigumuko mu gihugu.

Urubanza rw'ukugeza abanyuruza amatongo muri Kenya

Umumenyeshamakuru wa BBC, Mercy Juma ari i Nairobi avuga ko uru rubanza rukomeye cane ku gihugu ca Kenya.

Avuga ko hari imanza nyinshi y'ukunyaga amatongo y'abantu kuva kera, bikagirizwa abategetsi bo hejuru n'abacuruzi batunze cane, ariko ugasanga bene kunyagwa ata shaka canke uburyo bafise bwo guhangana n'ababanyaze.

Uyo mumenyeshamakuru avuga kandi ko igiturire mu gisata c'ubucamanza camye ari ingorane ikomeye, ituma urubanza rudindira rukamara imyaka myinshi iyo rugeze muri sentare.

Kubw'iwe, ngo hari benshi bafise icizere ko uru rubanza rwaciriwe Bwana Moi ari nk'ukugerageza, kandi ko ruzoba nk'ubutumwa ku bandi, ko batokwama bigarurira amatongo y'abakene.