Guinée yakuwe mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi ry’abatarenza imyaka 17 kubera ububeshi ku myaka

Guinee yatswe imidari n'ubundi bushimwe yari yatsindiye mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru rya Afrika ry'abatarenza imyaka 17 muri Tanzania Uwufise ububasha kw’isanamu Oryada
Image caption Guinee yatswe imidari n'ubundi bushimwe yari yatsindiye mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru rya Afrika ry'abatarenza imyaka 17 muri Tanzania

Igihugu ca Guinée cakuwe ku rutonde rw'ibihugu bizohiganirwa igikombe c'isi yose ku bana batarenza imyaka 17 y'amavuko kizobera mu gihugu ca Brezili, inyuma y'aho bibonekeye ko hari ababeshe ku myaka mu nkino z'uguhiganirwa ikibanza (eliminatoires).

Ico gihugu cari cizeye ko kizoja mw'iryo higanwa inyuma y'aho bashikiye mu gice ca kabiri c'ihiganwa rya Afrika rihuza abana batarenza imyaka 17 ryabereye muri Tanzania, bakaba bagiye kurangiza iryo higanwa bari mu kibanza ca kabiri, batsinzwe na Kameruni mu rukino rwa nyuma.

Ariko ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afrika (CAF) rivuga ko Guinée yakinishije abakinyi babiri batategerezwa kubamwo, ikazoca isubirirwa na Senegali mw'iryo higanwa ry' igikombe c'isi yose ku bana batarenza imyaka 17 y'amavuko rizobera mu gihugu ca Brezili.

Mw'itangazo ryasohowe na CAF, iryo shirahamwe rivuga riti: " Abakinyi Aboubacar Conte na Ahmed Tidiane Keita, nta burenganzira bari bafise bwo gukina inkino za nyuma mw'ihiganwa ry'igikombe ca Afrika c'abatarenza imyaka 17 ryabereye muri Tanzania".

"Abo bakinyi bari bafise ibitabo vy'inzira bibiri umwe umwe; kimwe cakoreshejwe mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose c'abatarenza imyaka 16 ryabereye mu Buyapani, kikerekana itariki y'amavuko ko ari mu mwaka wa 2001".

"Ica kabiri cakoreshejwe mw'ihiganwa ry'igikombe ca Afrika ry'abatarenza imyaka 17 ryabereye muri Tanzania, kikaba cerekana itariki y'amavuka ko ari 2002".

"Ivyo vyerekana ko habaye ubusuma".

"Kubera bakinishijwe, umurwi wabo urakuwe mw'iryo higanwa kandi n'amanota yose wari waronse n'ivyo wari watsindiye vyose birafuswe".

"Kubera ivyo kandi, ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Guinée rirahagaritswe guserukira CAF mw'ihiganwa ry'igikombe c'umupira w'amaguru kw'isi ku batarenza imyaka 17 rizobera mu Buyapani mu mwaka wa 2019".

"Umurwi ujejwe gutegura iryo higanwa usabwe gutunganiriza Senegali, ibiro nshingwabikorwa navyo bikemerera Senegali kuba igihugu ca kane giserukira CAF mw'iryo higanwa ry'igikombe c'isi yose ry'abatarenza imyaka 17 mu mwaka wa 2019".

Igihugu ca Senegali kikaba gihambije ibihugu vya Kameruni, Nijeriya na Angola mu guserukira Afrika mw'iryo higanwa.

Igihugu ca Guinée cabujijwe gusubira mw'ihiganwa ry'igikombe ca Afrika ry'abatarenza imyaka 17 mu kiringo c'imyaka ibiri kiriyamiriza ivyo bihano, kikavuga ko "iyo ngingo ya CAF atari yo".

Ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Guinée kandi ryaciwe ihadabu ry'ibihumbi ijana (100.000 $) vy'amadolari y'abanyamerika.

Eka n'imidari y'ifeza Guinée yari yaronse muri Tanzania itegerezwa gusubizwa mu kiringo kitarenga iminsi 21, ari nka hamwe batovyubahiriza bakazoca bacibwa ihadabu ry'ibihumbi 20 vy'amadolari.

Mw'ihiganwa ryabereye muri Tanzania, CAF yari yejeje ico gihugu ca Guinée, inyuma y'aho Senegali yitwaye ivuga ko cakinishije abo bakinyi babiri batategerezwa gukina.

Ico gihe, Guinée yari yatsinze Senegali ibitsindo bibiri kuri kimwe mu nkino zo gukuranamwo.

CAF kandi yari yahagaritse abakinyi batandatu - harimwo umunya Guinée umwe - muri izo nkino zahuza abatarenza imyaka 17 muri Tanzania, inyuma y'ibipimo vya MRI vyerekana ingene amagara y'umuntu yifashe.