Umusatirizi wa Ghana Asamoah Gyan yahinduye ingingo y'ugutanga imihoho inyuma y’ukuvugana n’umukuru w’igihugu

Gyan amaze kwinjiza ibitsindo 51 mu nkino 106 mpuzamakungu Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Gyan amaze kwinjiza ibitsindo 51 mu nkino 106 mpuzamakungu

Umusatirizi w'umurwi nserukiragihugu wa Ghana amaze kwinjiriza ico gihugu ibitsindo vyinshi, Asamoah Gyan, yahinduye ingingo yo gutanga imihoho mu mikono mpuzamakungu inyuma y'aho avuganiye n'umukuru w'ico gihugu.

Uyo mukinyi afise imyaka 33 y'amavuko akaba amaze kwinjiza ibitsindo 51 mu nkino 106 mpuzamakungu, yari yamenyesheje ku munsi wa mbere w'iyi ndwi ko "ahevye burundu gukinira uwo murwi" inyuma y'uko bamusubirije nka kizigenza wawo.

Perezida Nana Akufo-Addo yavuganye na Gyan ejo kuwa kabiri, ivyatumye uyo musatirizi w'umurwi Kayserispor wo mu gihugu ca Turkiya ahindura ingingo.

Avuga ati: "Akamo k'umukuru w'igihugu ni akamo kadashobora kwirengagizwa".

"Ico nasabwe nacakiriye n'umutima mwiza, kandi nzokwama nitaba akamo k'umumenyereza Kwasi Appiah".

Ku munsi wa gatatu, niho vyitezwe ko Ghana izoshikiriza amazina y'abagize umurwi nserukiragihugu uzoserukira ico gihugu mw'ihiganwa ry'imirwi nserukirabihugu rya Africa, CAN 2019, rizobera mu gihugu ca Misiri, aho André Ayew biboneka ko ari we azoba kizigenza.

Gyan ntarashobora gukinira umurwi nserukiragihugu wiwe kuva mu kwezi kw'icenda umwaka wa 2017 kubera imvune z'urutavanako, kandi ntahuta araronka akanya k'ugukina mu murwi wiwe wa Kayserispor.

Avuga ko agifishe ishaka rinini ry'ugufasha umurwi nserukiragihugu wa Ghana gutsindira ihiganwa ry'imirwi nserukirabihugu, kandi ko yiyemeje "gukorera iki gihugu gikomeye n'abanyagihugu ba Ghana".

Gyan yamye atsinda mu mahiganwa y'imirwi nserukirabihugu atandatu akurikirana, be no mu mahiganwa y'igikombe c'isi yose atatu hagati y'umwaka wa 2006 na 2014.

Asamoah Gyan aribukwa cane mw'ihiganwa ry'igikombe c'isi yose ry'umwaka wa 2010 muri Afrika y'Epfo ahusha penaliti ku munota wa nyuma w'urukino, yari gutuma ico gihugu kiba ica mbere ku mugabane wa Afrika gishitse mu gice ca kabiri gishira ica nyuma.

Ibindi bisa n’ibi