Ada Hegerberg niwe yatsindiye agashimwe ka BBC 2019 k'umukinyi w'umugore yarushije abandi

Ada Hegerberg Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ada Hegerberg amaze gutsindira agashimwe ka BBC inshuro zibiri

Rutahizamu wa Lyon, Ada Hegerberg, niwe yatowe nk'umukinyi w'umupira w'amaguru yarushije abandi ku rwego rw'abagore, mw'ihiganwa rya BBC 2019.

Ako gashimwe, kava mu matora y'abakunzi b'umupira w'amaguru kw'isi, kaje nyuma y'iminsi ine atsinze ibitsindo bitatu mu rukino rwa nyuma rwa Champions League, ahesha ikipe yiwe igikombe.

Nyuma yo gutsindira ako gashimwe yabwiye BBC ati: "N'uruvangatirane rw'ibishobisho. Birahimbaye cane."

Pernille Harder akinira Denmark na Wolfsburg yabaye uwa kabiri muri iryo higanwa, umunye Australia anakinira Chicago Read Stars, Sam Kerr aba uwa gatatu.

Abandi bari bagenywe ku rutonde rwa batanu mw'ishiganwa rya BBC World Service ni uwukinira Ubuyapani na Lyon Saki Kumagai hamwe n'umunye Polonye akinira Thorn yo muri Amerika, Lindsey Horan.

Uyu munye Norvege Hegerberg w'imyaka 23 yanatsindiye aka gashimwe mu 2017, yavuze ati: "Ni iteka gutsindira aka gashimwe inshuro igira kabiri.

"Saki ni we tubana mu cumba. Ndazi ubuhinga bwiwe hamwe n'ivyo yashikanyeko ikipe. Kandi ni kapitene w'Ubuyapani ivyo navyo bikaba bihambaye."

"Ariko kandi Sam na Pernille ni abakinyi bari ku rwego rwo hejuru mu mukino, co kimwe na Lindsey. Gusubira gutsinda ni ibintu bihimbaye cane."