Umukuru wa Manchester City Khaldoon Al Mubarak avuga ko abakeba bafise ‘ishari’

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Umukuru wa Manchester City Khaldoon Al Mubarak (i bubamfu) ari kumwe n'umumenyereza wayo Pep Guardiola

Umukuru wa Manchester City, Khaldoon Al Mubarak, avuga ko imwe mu mirwi y'abakeba bafitiye ishari umurwi wiwe kubera ivyo uherutse gushikako.

Man City, niwo murwi wa mbere mu gihugu c'Ubwongereza uronse ibikombe bitatu mw'ihiganwa ryo mu gihugu, inyuma y'aho utsindiye Watford ibitsindo 6 kuri 0 mu rukino rwa nyuma rw'ihiganwa rya FA.

Iyo ntsinzi ikaba yakurikiwe n'amajambo y'ukunegura uwo murwi usanzwe umenyerezwa na Pep Guardiola ku buryo wakoresheje mu kwiyubaka.

Mubarak ababajwe cane n'amajambo yavuzwe n'umukuru w'ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu gihugu ca Espanye, Javier Tebas, ko imirwi ya Man City na Paris Saint-Germain yokurwa mw'ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere iwabo kubera uburyo n'amahera y'umurengera ikoresha.

Manchester City nta mukinyi n'umwe ifise mu bakinyi 10 ba mbere baguzwe mu mahera menshi, mu gihe Manchester United ifisemwo babiri, Paul Pogba yaguzwe imiliyoni 113 y'amadolari na Romelu Lukaku, yaguzwe imiliyoni 95 z'amadolari. Liverpool nayo ifisemwo Virgil van Dijk yaguzwe imiliyoni 95 z'amadolari.

Abakinyi baguzwe na Man City ku mahera menshi gusumba ni Riyad Mahrez, waguzwe imiliyoni zirenga 76 mu 2013, Aymeric Laporte ku miliyoni 72, Kevin de Bruyne ku miliyoni 70 hamwe na Benjamin Mendy ku miliyoni 66 z'amadorari.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Riyad Mahrez, umukinyi wa mbere azimvye wa Manchester City yaguzwe muri Leicester ku miliyoni 76,44 z'amadolari

Ku bwa Mubarak, Tebas ntiyabanje gukubitiza agatima mpembero ku buryo bwakoreshejwe n'umurwi Real Madrid mu gihe ca 'galactico', aho uwo murwi wagura abakinyi Luis Figo wa Portugal, umufaransa Zinedine Zidane, umusatirizi Ronaldo wa Brezili, hamwe n'umwongereza David Beckham.

Mubarak ati: "Avuga ingene twishe isoko. Mu majambo y'agasuzuguro yavuze harimwo uburyarya. Uburyo burenze urugero bwakoreshejwe mu kugura Figo na Zidane, vyabereye he?

"Nta mwanya mfise w'uguta kuri urwo rusaku. Bwana Tebas yategerezwa kwihweza kahise ka La Liga, ihiganwa ryiganziwe n'imirwi ibiri, akihweza n'ingene habaye ukwica isoko. Manchester City nta mukinyi n'umwe ifise mu bakinyi cumi ba mbere bazimye.

"Si nibaza ko arwanya Manchester City, ahubwo arwanya iri higanwa. Dufise ihiganwa rya mbere kw'isi, rikomeye mu vy'ukugura n'ukugurisha kandi rifise imirwi ifise igihagararo ca mbere ciza kw'isi. Ivyo rero birababaza abantu benshi ahantu hatari hake".

Kw'igenekerezo rya 14 z'ukwezi kwa gatanu, Man City yavuze ko "irajwe ishinga"n'inkuru yatangajwe n'ikinyamakuru ca Amerika, New York Times, yavuga ko abajejwe amatohoza mw'ishirahamwe UEFA bipfuza ko uwo murwi uvanwa mw'ihiganwa rya Bulaya. Itinya ko abantu barondera inyungu zabo "bashobora kubangamira inyungu zayo" .

Ejo ku munsi wa Mungu, Mubarak yarashimangiye ko umurwi wa Man city "ata nkeka" uzokwezwa "mu gihe ivyo birego bizokwihwezwa hisunzwe ingene ibintu vyagenze".

Hagati aho, yongeyeko ati : "Mu gihe batokwisunga ivyabaye, aho ni ibindi bindi".