Liverpool na Tottenham biteguriye guhangana bikomeye uno munsi muri Champions League

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Mauricio Pochettino wa Tottenham (iburyo) na Jurgen Klopp (ibubamfu) nta n'umwe yari bwigere aha umurwi wiwe amahirwe y'igikombe na kimwe

Nibwo bwa mbere kuva mu mwaka wa 2008 mw'ihiganwa ry' umupira w'amaguru rihuza imirwi yabaye iya mbere i Bulaya (UEFA Champions League) aho urukino rwa nyuma ruhuje imirwi ibiri yose yo mu gihugu c'Ubwongereza.

Ico gihe, umurwi wa Manchester United watsinze umurwi wa Chelsea kuri ya mipira itererwa ku metero 11 (penalties) inyuma y'aho urukino rwarangiye iyo mirwi yompi inganya igitsindo kimwe kuri kimwe.

Umurwi wa Liverpool umaze gutsindira ibikombe bitanu vy'iryo higanwa, igiheruka ikaba yagitwaye mu mwaka wa 2005. Kuva ico gihe, imaze gushika mu rukino rwa nyuma kabiri - mu mwaka wa 2007 aho yatsinzwe n'umurwi AC Milan w'Ubutaliyano, hamwe n'umwaka uheze wa 2018 aho watsinzwe n'umurwi Real Madrid.

Kuva uwo murwi utanguye kumenyerezwa na Jurgen Klopp mu mwaka wa 2015, nturigera utsindira igikombe na kimwe n'aho wabonetse ko ari umurwi ukomeye.

Ihiganwa ryose ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza ryagiye kurangira uri mu kibanza ca kabiri n'amanota 97, inyuma ya Manchester City, ukaba watsinzwe urukino rumwe rudende mw'ihiganwa ryose, utsinzwe ma Manchester City ku wa 03 z'ukwa mbere uno mwaka.

Ku ruhande rw'umurwi wa Tottenham, nibwo bwa mbere uzoba ukinye urukino rwa nyuma muri iryo higanwa rya Bulaya. Umumenyereza w'uwo murwi, Mauricio Pochettino, ariko akora ibishoboka vyose kugira arabe ko yotsindira igikombe ca mbere kuva abaye umumenyereza.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Jurgen Klopp n'umurwi wiwe mu myimenyerezo ejo ku munsi wa gatanu

Yatangaje ko mu gihe yobishikako, ashobora guca asezera agasubira mu gihugu ciwe c'amavukiro ca Argentina.

Pochettino avuga ko hakenewe impinduka ku kungene uwo murwi wiwe usanzwe utwarwa, ni mu gihe kuva uguze umukinyi Lucas Moura ku wa 31 z'ukwezi kwa mbere 2018, utarigera ugura uwundi mukinyi.

Arishimira intambwe uwo murwi ugezeko, akavuga ko bahuye n'ibibazo vyinshi ariko bagashobora kubirengera.

Avuga ati: "Tugeze mu gihe gikomeye c'ihiganwa kandi ico caduhaye inguvu. Twararengeye ingorane zose twaciyemwo".

Ikibazo nyamukuru ni ukumenya nimba umusatirizi wawo, Harry Kane, ashobora kuza gukina. Avuga ko "yiteguriye gukina urwo rukino", inyuma y'aho akiriye imvune yari yagize mu rukino rwa mbere rw'igice ca kane gishira ica nyuma, igihe umurwi wiweTottenham wahura na Manchester City.

Ejo ku munsi wa gatanu, Pochetino yavuze ko atari bwafate ingingo ntabanduka kuri uyo musatirizi.

Ni urukino rugira kabiri ku rwego rw'Ubulayi ruhuje imirwi yompi y'Ubwongereza mu ndwi imwe gusa, inyuma y'aho umurwi wa Chelsea wirahiye umurwi wa Arsenal mu kuwutsinda ibitsindo bine kuri kimwe, mu rukino rwa nyuma rwa Europa League ku munsi wa gatatu mu gisagara ca Baku co mu gihugu ca Azerbaijan.

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Mauricio Pochettino ibubamfu) na kizigenza wa Tottenham Hugo Lloris

Iyo mirwi yompi yashitse mu rukino rwa nyuma ibize akuya. Liverpool yatsinze Barcelone ibitsindo 4 ku busa mu gihe mu rukino rwa mbere Barcelona yari yayitsinze ibitsindo bitatu ku busa, abenshi bakaba babona ko ivya Liverpool vyari birangiriye aho.

Ku ruhande rwa Tottenham, umukinyi Lucas Moura yatsindiye uwo murwi ibitsindo bitatu kuri bibiri vy'umurwi wa Ajax wo mu gihugu c'Ubuholande wari wayitsinze iwabo mu rukino rwa mbere igitsindo kimwe ku busa, nayo nyene ikaba itaboneka ko ishobora kuhakura agatwe.

Muri uru rukino rwo kuri uno wa gatandatu ruza kubera mu gisagara ca Madrid umugwa mukuru wa Espanye, Liverpool ihabwa amahirwe yo gutsinda urwo rukino ku bice 70 n'igice kw'ijana, mu gihe Tottenham yoyo ihabwa amahirwe make, ibice 29 n'igice kw'ijana, ariko vyose ni ukurindira gushika kw'ifirimbi ya nyuma.

Ibindi bisa n’ibi