Abakinyi 23 b'Intamba mu Rugamba bazoserukira Uburundi muri CAN 2019 bamenyekanye

Intamba mu rugamba basanzwe bari muri Qatar aho basanzwe bari kwimenyereza Uwufise ububasha kw’isanamu CAFONLINE
Image caption Intamba mu rugamba basanzwe bari muri Qatar aho basanzwe bari kwimenyereza

Inyuma y'igihe barindiriye, abakunzi b'umurwi w'Intamba mu rugamba bamenyeshejwe urutonde rw'abazoserukira Uburundi mw'ihigangwa ry'igikombe c'umupira w'amaguru mu Misiri.

Umumenyereza w'uwo murwi, Olivier Niyungeko, yamenyesheje ko mu gutora abakinyi yisunze ubuhinga bivanye n'aho abakinyi basanzwe bakina.

Urwo rutonde rutegerezwa gushikirizwa ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Afrika CAF kuri uyu munsi igenekerezo rya 11 z'uku kwezi, mu gihe iri rushanwa rizatangira mu ndwi iza.

Kuri urwo rutonde hariko abanyegori batatu, abakinyi batandatu b'inyuma, abakinyi batandatu bo hagati, hamwe n'abasatirizi umunani.

Urwo rutonde ni uru:

Aganyegori: NAHIMANA Jonathan, NDIKUMANA Justin na ARAKAZA Mac Arthur.

Abakinyi b'inyuma: Moussa Omar, NDUWARUGIRA Christophe, NIZIGIYIMANA Abdoul Karim, NSABIYUMVA Frédéric, NGANDO Omar, NSHIMIRIMANA David.

Abakinyi bo hagati: KWIZERA Pierre, BIGIRIMANA Gael, DUHAYINDAVYI Gaël, NAHIMANA Shassiri, SABUMUKAMA Enock, MUSTAFA Francis.

Abasatirizi: SHABANI Hussein, AMISSI Mohammed, NDIKUMANA Yamini Selemani, AMISSI Cédric, BERAHINO Saido, Abdoul Fiston, MAVUGO Laudit, KAMSOBA Elvis.

Imyiteguro irabandanya mu kwitegurira iryo higanwa, aho kuri uyu wa kabiri isaha cumi na zibiri, Intamba mu rugamba baza guhura n'umurwi wa Algeria mu gisagara ca Doha muri Qatar, aho basanzwe bari kwimenyereza.