Intamba mu Rugamba z’Uburundi zanganije na Algeria 1-1 mu rukino rwa kivandimwe

Abakinyi b'Intamba mu Rugamba basanzwe bari mu gihugu ca Qatar mu kwitegurira CAN 2019 Uwufise ububasha kw’isanamu akeza.net
Image caption Abakinyi b'Intamba mu Rugamba basanzwe bari mu gihugu ca Qatar mu kwitegurira CAN 2019

Urukino rwahuje imirwi Fennecs wa Algeria n'Intamba mu Rugamba w'Uburundi muri Qatar rwarangiye iyo mirwi yompi itsindanye igitsindo kimwe ku kindi.

Umurwi Fennecs wa Algeria niwo watanguye kwinjiza igitsindo ca mbere, ariko inyuma y'iminota itandatu Uburundi buragombora.

Uru rukino ni urwo gufasha imigwi yompi kwitegurira ihiganwa rya CAN 2019 rizotangura mu ndwi iza.

Abakinyi b'Intamba mu Rugamba ntibatewe ubwoba n'igihagararo c'abakinyi ba Algeria basanzwe ari ibihangange nka ba Mahrez, Feghouli na Brahimi.

Urwo rukino ntirwashoboye kwerekanwa ku mboneshakure kubera umumenyereza wa Algeria yanse ko yerekanwa.

Mu gice ca mbere, abakinyi ba Algeria baragerageje gusatira bikomeye izamu ry'Intamba mu Rugamba ariko zaravyifashemwo neza ku buryo ico gice cagiye kurangira ari ubusa ku bundi.

Ibintu vyagiye guhinduka mu gice ca kabiri, aho ku munota wa 68 umukinyi Baghdad Bounedjah wa Fennec yatsinze igitsindo ca mbere c'uwo murwi.

Abakinyi b'Intamba ntibasimbwe n'umutima. Ku munota wa 74, Uburundi bwaronse igitsindo canditswe ku munyegori wa Algeria, Raïs M'Bolhi, nk'uko bivugwa n'urubuga rw'inkino livescore.com, urukino ruca rurangira ata murwi usumbije uwundi.

Intamba mu Rugamba zimaze iminsi mu gisagara ca Doha muri Qatar mu myiteguro ihiganwa rya CAN 2019.