Intara ya Alabama muri Amerika yemeje itegeko ry'uguhanisha imiti igabanya ubugabo abasambanya abana

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Iryo tegeko ryateweko igikumu n'umukuru w'intara ya Alabama, Kay Ivey.

Intara ya Alabama muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika yemeje itegeko risaba ko bamwe mu bazokwagirwa n'icaha c'ugusambanya abana bahabwa imiti igabanya ubugabo.

Iryo tegeko rivuga ko abazofatwa basambanije abana bari munsi y'imyaka 13 bazoca batangura guhabwa iyo miti ukwezi kumwe imbere y'uko barekurwa vy'agateganyo.

Sentare niyo izoheza ikaraba ko bitagikenewe.

Iyo ntara yiyongereye ku zindi indwi, harimwo Louisiana na Florida, zimaze kwemeza amategeko nk'ayo.

Iryo tegeko ryateweko igikumu n'umukuru w'iyo ntara ya Alabama, Kay Ivey ku munsi wa mbere. Avuga ati: "Iyi ni intambwe mu bijanye n'ugukingira abana muri Alabama".

Abazokwagirwa n'ico caha bazotegerezwa kuriha iyo miti.

Iryo tegego ryasabwe n'uwuserukira abo mu mugambwe w'aba Repubulika, Steve Hurst, avuga ko yababajwe cane n'amakuru y'umwana yafashwe ku nguvu, yahawe n'ishirahamwe rifasha abana.

Iryo tegeko ryariyamirijwe n'ishirahamwe rirwanira ubwigenge, American Civil Liberties Union, muri iyo ntara ya Alabama.

Umukuru waryo, Randall Marshall, yabwiye urubuga AL.com ati: "Ntawuzi nimba ibi bizogira ingaruka canke nimba ubuvuzi buvyemeza".

"Iyo intara itanguye kugeragereza ku bantu, nibaza ko biteye kubiri n'ibwirizwashingiro".

Mbega imiti igabanya ubugabo ni nyabaki?

Iyo miti itangwa nk'ibinini canke igaterwa mu rushinge, ituma umubiri udahingura ikinyamubiri c'ubugabo (testosterone), bigatuma umuntu atagira inguvu z'ukurangura amabanga mpuzabitsina.

Ariko bica bihinduka iyo umuntu ahagaritse gufata iyo miti.

Mu mwaka wa 2009, abapfungwa batari bake mu gihugu c'Ubwongereza barageragerejweko iyo miti ku gushaka kwabo.

Yageragerejwe ku bapfungwa bavyishakiye bari bafise "inguvu z'ubugabo zirenze canke igishika kidasanzwe c'ugukora imibonano mpuzabitsina", kandi bavuze ko "hari ico vyahinduye mu buzima bwabo".

Mu mwaka wa 2016, igihugu ca Indonesia caremeje itegeko ry'uguhana abagiriwe n'icaha c'ugusambanya abana, mu kubaha imiti igabanya ubugabo, kubapfunga canke bagahabwa igihano c'ugupfa.

Ico gihe, Prijo Sidipratomo wo mw'ishirahamwe ry'abaganga yararyiyamirije avuga ko ari "ihohotera" kandi ko "riteye kubiri n'uburenganzira bwa kiremwa muntu".

Igihugu ca Koreya y'Epfo naco nyene caremeje iryo tegeko mu kwezi kw'indwi umwaka wa 2011.