Umuntu yokura iki mu rukino rw’Intamba na Nigeria?

Odion Ighalo wa Nigeria acisha umupira ku munyegoli Jonathan Nahimana w'Intamba mu Rugamba Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Odion Ighalo wa Nigeria acisha umupira ku munyegoli Jonathan Nahimana w'Intamba mu Rugamba

Robert Patrick Misigaro, BBC.

Ku kibuga ca Alexandria Stadium mu muji wa Alexandria, ku kagoroba kameze neza izuba ryarenze ubushuhe bwagabanutse, niho Intamba mu Rugamba zaseseka mu kibuga ngo nazo zandike izina mu makungu.

Ku nshuro ya mbere mw'ihiganwa nk'iri, benshi bari bazi ko bitaza kworoha kuko gutangura uhura n'ikipe y'igihangange muri Afrika nka Nigeria wari umurimo utoroshe.

Ariko Intamba zari zifitiye icizere kidasanzwe, catanguye kwigaragariza mu kiganiro umumenyereza Olivier Niyungeko yahaye abanyamakuru ku wa gatanu, aho yavuga ko Intamba zitaje kurorera gusa. Mbere yanavuze ko ku rwego nk'uru rw'umukino, amakipe yose aba angana.

Ivyo kandi niko vyagaragaye mu ntango z'urukino, Nigeria itangazwa n'abakinyi b'inyuma b'Intamba mu Rugamba ku kuntu bazibirira hamwe mu kwigenza neza kudasanzwe ku makipe atamenyereye amahiganwa nk'aya.

Ntivyahereye kandi ku kuzibira gusa kuko iyo itaba umunyegoli wa Nigeria, ku nshuro zirenga zitatu zose mu gice ca mbere, Nigeria yari kuba yinjijwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Kapiteni Saido Berahino agerageza gukingira umupira ngo atawutwarwa na Wilfred Ndidi wa Nigeria

Abakunzi ba Nigeria bari mu kibuga, warabona ko batanguye kugira utubazo kuko abasatirizi babo ataco bariko barerekana, igice ca mbere gihera bose banganya.

Vyaje guhinduka ku munota wa 77 aho Nigeria yashobora guca mu ryahumye abakinyi b'inyuma b'Intamba ikaronka igitsindo, abakunzi ba Nigeria hamwe n'abakinyi bose barigina cane ubona yuko basa n'abavuye kure.

Ubudasa bwavuye hehe?

Nigeria vyaraboneka ko imenyereye gukina ku rwego rwo hejuru. Kandi ntibitangaje ku ikipe imaze gukina muri iri higanwa inshuro 17, ikaba imaze no gutwara iki gikombe inshuro zishika zibiri, ubwa nyuma bukaba bwari mu 2013.

Ariko icerekanye ubudasa muri uru rukino, ni ubuhinga bw'abakinyi babiri ba Nigeria b'inararibonye, Odion Jude Ighalo akina mu Bushinwa, na Ahmed Musa akina muri Arabie Saudite, bahanahanye umupira n'ubuhinga bwinshi bashobora guca mu ryahumye abakinyi b'inyuma b'Intamba.

Ni abakinyi binjiye mu gice ca kabiri bazi neza ico baje gukora, kuko kuva binjiye Nigeria yahinduye isura imbere, ibintu vyibonekeje ko wari umukenyuro w'umumenyereza Gernot Rohr.

Ikindi naco ni uko ba rutahizamu b'u Burundi baterekanye ''amanyama'' akenewe kugira basatire cane mu gutera imipira iremereye, kuko uvyihweje, umunyegoli wa Nigeria ntihari kubura ikimuca mu jisho. Kuri ico umumenyereza Niyungeko nawe yaremeye ko akeneye gukorana cane na barutahizamu biwe ku kuntu bategerezwa kwitwara imbere y'igoli. Ku bwiwe ngo ni mu mutwe, si ikibazo c'ubuhinga.

Imbere hameze hate?

Muri rusangi uyu mukino warahaye icizere cane ikipe y'Intamba, kuko gutsindwa kimwe gusa na Nigeria mu mukino wa mbere mw'ihiganwa nk'iri ari ikintu cofatwa nk'intambwe ikomeye ku Ntamba.

Gusa iyi kipe ikeneye kwongera ugushaka hamwe n'igikenye mu mikino ikurikira, kuko uravye ingene ikipe ya Madagascar, nayo iri mw'iri higanwa ku nshuro ya mbere, yavyitwayemwo ihura na Guinea (2-2), harimwo ubudasa bukomeye cane kuko abasore bayo warabona ko ata gufyina kurimwo.

Barakoresheje inguvu n'ugushaka kwinshi bahakura ibitsindo bibiri. Uku niko Intamba mu Rugamba zitegerezwa kuvyitwaramwo nizaba zishaka kubandanya muri iri higanwa. Ibishobisho vy'urukino rwa mbere bitegerezwa kuhava, umukino wa kigabo ugakurikira.