Ayavugwa mu mupira w’amaguru kuri uyu wa 11.07.2019: Malcom, Maguire, Costa, Kean, Alderweireld, Ozil

Mezut Ozil Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters

Arsenal iripfuza kugura umukinyi akina ku ruhande w'umurwi Barcelona, Malcom w'imyaka 22, ni mu gihe na Everton yoyo imaze gutegura imiliyoni 31.5 z'amapawundi kugira igure uyo mukinyi w'umunya Brezili. (Sun)

Uwahoze ari umusatirizi wa Liverpool, Dean Saunders , arizigiye ko Ole Gunnar Solskjaer "atazoshobora kurangiza ihiganwa" akiri umumenyereza wa Manchester United. (talkSPORT)

Solskjaer afise icizere ko azoshobora gutsinda ababanyi bayo ba Manchester City ku giciro kingana n'imiliyoni 75 z'amapawundi igashobora kugura umukinyi w'inyuma wa Leicester City, Harry Maguire w'imyaka 26. (Mail)

Diego Costa w'imyaka 30 yahoze ari umusatirizi wa Chelsea ariteguye kuvugana na Everton gutyo agasubira muri Premier League mu gihe ariko yiyumvira ko yova mu murwi Atletico Madrid. (Sun)

West Ham yarasavye umurwi Juventus ko bogirana amasezerano kugira ngo ushobore kuyitiza umusatirizi Gonzalo Higuain w'imyaka 31. Uyo mukinyi akomoka muri Argentine yamaze igice c'ihiganwa giheruka mu murwi Chelsea aho yari yatijijwe. (Sky Sports Italia, via Mail)

Uwufise ububasha kw’isanamu EPA
Image caption Gonzalo Higuain

Tottenham na Atletico Madrid ziriko rirarwanira umukinyi wo hagati Dani Olmo w'imyaka 21 akomoka muri Espanye, akaba asanzwe akinira umurwi Dinamo Zagreb umushakako imiliyoni 27 z'amapawundi (AS, via Star)

Juventus yamiriye kure igiciro c'imiliyoni 30 z'ama euro yatanzwe na Everton irondera kugura umusatirizi Moise Kean. (Tuttosport, via Sport Witness)

Roma iripfuza umukinyi w'inyuma wa Tottenham, Toby Alderweireld, w'imyaka 30 akomoka mu Bubiligi, amasezerano akavuga ko uwumukeneye ategerezwa gutanga imiliyoni 25 z'amapawundi.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Toby Alderweireld

Umukinyi Mario Lemina wa Southampton afise imyaka 25 akaba asanzwe ariko aronderwa na Manchester United, Arsenal hamwe na Leicester avuga ko atipfuza kubandanya akinira uwo murwi mw'ihiganwa ryimirije. (France Football, via Daily Echo)

Tottenham iriko yongereza umurindi mu kurondera ko yotizwa umukinyi wo hagati wa Real Madrid, Dani Ceballos w'imyaka 22. (Mirror)

Ariko rero, Arsenal ishobora kunesha abo bakeba bayo bagasinyisha amasezerano na Ceballos. (Marca, via Express)

Arsenal iriteguye kugurisha abakinyi b'inyuma Calum Chambers, Carl Jenkinson, canke Mohamed Elneny akina hagati, kugira ngo ishobore kuronka umukinyi wo ku ruhande wa Crystal Palace, Wilfried Zaha.

Arsenal yari imaze gutanga imiliyoni 40 z'amapawundi kuri uyo mukinyi w'imyaka 26 akomoka muri Cote d'Ivoire, ariko Palace yarayanse. (Mirror)

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Wilfried Zaha

Manchester City "iripfuza cane kugumana" umukinyi wo hagati, Fabian Delph w'umwongereza, n'aho hari ibihuha ko uyo mukinyi w'imyaka 29 yipfuza kuva muri uwo murwi.

Aston Villa, Brighton, Bournemouth na Wolves, zose ziripfuza umukinyi wo ku ruhande wa Liverpool, Harry Wilson w'imyaka 22, yamaze ihiganwa riheruka muri Derby iyo yari yatijijwe. (Birmingham Mail)

Umukinyi Juan Mata wa Manchester United yaranse umushahara w'amapawundi angana 550,000 ku ndwi yari yamerewe n'umurwi Shanghai SIPG wo mu Bushinwa, aca asinya ayandi masezerano na Man United. (90Min)

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Juan Mata

Uyo mukinyi w'imyaka 31 y'amavuko yasinyiye ayandi masezerano muri uwo murwi kubera ari umwe mu "mirwi itatu canke ine ikomeye" kw'isi. (MUTV)

David Luiz arizeye ko kubona Frank Lampard asubira I Stamford Bridge bizotuma umurwi Chelsea usubirana iteka ryawo. (Standard)

Umurwi Fenerbahce uvuga ko ata bushobozi ufise bwo kugura umukinyi wo hagati Mezut Ozil wa Arsenal.

Ni mu gihe amakuru yavuga ko uyo mukinyi yahoze akinira umurwi nserukiragihugu w'Ubudagi, ariko amamuko yiwe akaba ari muri Turukiya yashobora kuja gukina mw'ihiganwa Super Lig ryo muri ico gihugu. (RMC Sport )