Ayavugwa mu mupira w'amaguru kuri uyu wa gatandatu 13.07.2019: Griezmann, Pogba, Haller, Koscielny, Dias, De Ligt

Antoine Griezmann

Barcelona yashoboye kugura umusatirizi w'umufaransa Antoine Griezmann w'imyaka 28 yahora akinira Atletico Madrid, ku miliyoni 120 y'ama Euro. (BBC)

Manchester United badugije igiciro c'umukinyi wo hagati w'umufaransa Paul Pogba w'imyaka 26, kuva ku miliyoni 150 gushika ku miliyoni 180 z'amapawundi, kugira ngo uwukeneye uyo mukinyi baguze imiliyoni 89 z'amapawundi mu 2016 ashobore kumuronka. (Star)

Juventus yari isanzwe iriko irarondera Pogba yakuyemwo akarenge, kakaba ari akaryo keza ka Real Madrid gushobora kumwigurira. (Mail)

Manchester United irashobora kugura umukinyi w'umufaransa akinira Monaco, Benoit Badiashile w'imyaka 19 - ikaba iriko imurwanira na Wolves - mu gihe vyokwanka ko ironka umukinyi w'inyuma wa Leicester Harry Maguire w'imyaka 26 asanzwe akinira kandi n'umurwi nserukiragihugu w'Ubwongereza. (L'Equipe, via Express)

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

Bishobora kuba ngombwa ko Inter Milan itegerezwa kuriha amahera angana n'imiliyoni 90 y'amapawundi kugira ngo ishobore kugura umusatirizi w'umubiliri asanzwe akinira Man United, Romelu Lukaku w'imyaka 26. (Telegraph)

Arsenal ishaka imiliyoni 8,8 y'amapawundi ku mukinyi w'inyuma w'umufaransa Laurent Koscielny w'imyaka 33 asanzwe ariwe kizigenza w'uyo murwi ariko akaba yipfuza kuwuvamwo, akaba kandi yaranse no kujana n'abandi muri Amerika mu nkino za kivandimwe mu kwitegurira ihiganwa ryimirije. (London Evening Standard)

Arsenal yongereje agacanwa mu kurondera umukinyi w'inyuma wa Benfica Ruben Dias w'imyaka 22 asanzwe anakinira na Portugali, bivanye n'ingingo iherutse gufatwa na Koscielny. (Mail)

West Ham iriko iravugana n'umurwi Eintracht Frankfurt wo mu Budagi kugira ngo ishobore kugura umusatirizi Sebastian Haller w'imyaka 25 ku mahera angana n'imiliyoni 40 z'amapawundi. (Sky Sports)

Umusatirizi wa Manchester United n'umurwi nserukiragihugu wa Irland, Mipo Odubeko w'imyaka 16, yashoboye gutsindira ishure ry'umupira asanzwe yigako ibitsindo 35 yanse gusinya ayandi masezerano. (Mail)

Juventus yemeye gutanga imiliyoni 63 z'amapawundi kugira ngo ishobore kugura umukinyi w'inyuma wa Matthijs de Ligt w'imyaka 19 asanzwe akinira kandi n'Umurwi nserukiragihugu w'Ubuholandi. (De Telegraaf )

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images

West Ham isaba amahera angana n'imiliyoni cumi z'amapawundi kugira ishobore kugurisha umukinyi wp hagati Pedro Obiang w'imyaka 27 akomoka muri Guinee Equatoriale, imirwi y'Ubutaliyano nka Bologna na Sassuolo ikaba imwipfuza cane. (Sun)

Tottenham iriko yitegura kugura umukinyi wa Leeds United Kalvin Phillips asanzwe akinira n'umurwi nserukiragihugu w'Ubongereza, uwo murwi wo mu gisagara ca York Shire ukavuga ko ukeneye imiliyoni 30 z'amapawundi. (Mirror)

Manchester United iracashaka kugura umukinyi wo hagati wa Newcastle Sean Longstaff asanzwe anakinira n'umurwi nserukiragihugu w'Ubwongereza n'aho uyo murwi wiwe utemeranya na Man United ku giciro c'uyo mukinyi w'imyaka 21. (Sky Sports)

Ariko rero, igiciro c'imiliyoni 50 z'amapawundi gisabwa na Newcastle gishobora gutuma Man United ikuramwo akarenge. (ESPN)