Ayavugwa mu mupira w’amaguru kuri uyu wa 14.07.2019: Coutinho, Hudson-Odoi, Pogba, Maguire, Neymar, Sane

Philippe Coutinho Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Philippe Coutinho

Umukinyi wo hagati wa Barcelona, Philippe Coutinho, yanse kwinjira muri Manchester United, aho ni mu gihe bivugwa ko bishoboka ko asubira muri Liverpool, ariko hakaba hari amahirwe menshi y'uko uyo mukinyi w'imyaka 27 ashobora kugurwa na Paris St-Germain. (Express)

Barcelona yijeje umufasha wa Coutinho ko ata mugambi ifise yo kugurisha uyo mukinyi, ariko akavuga ko umukiriya wiwe yoba ariko ashaka kugurishwa ku yindi mirwi ya Espanye. (Sky Sports)

Bayern Munich ntirota iheba kurondera umusatirizi wa Chelsea, Callum Hudson-Odoi w'imyaka 18, bikaba vyitezwe ko itanga ayandi mahera agera ku miliyoni 45 z'amapawundi muri iyi ndwi. (Mail)

Manchester United ntizoshobora kugurisha muri Real Madrid umukinyi wayo wo hagati, umufaransa Paul Pogba w'imyaka 26, mu gihe uyo murwi wa Espanye womurondera igihe cagenewe kugura abakinyi kirangiye ku wa 8 z'ukwezi kw'umunani. (Mirror)

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Paul Pogba

Umukinyi w'inyuma wa Leicester, umwongereza Harry Maguire w'imyaka 26 - asanzwe ariko aronderwa na Manchester United ku giciro c'imiliyoni 75 z'amapawundi - yabwiye uwo murwi ko yipfuza kugenda. (Mail)

Maguire yagiriza Leicester ko iriko isaba amafaranga arenze urugero, ni mu gihe imiliyoni 70 z'ama pawundi zimaze kumutangwako na Manchester United hamwe na Manchester City ariko iramwimana. (Sun)

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Harry Maguire

Umusatirizi w'umunyabrezili Neymar w'imyaka 27, abandanya asaba ko yokwisubirira muri Barcelona, akavuga ko ico aguma yibuka gusumba ibindi vyose ari intsinzi ya Barca y'ibitsindo 6 kuri 1 ca Paris St-Germain mu 2017. (Mail)

Uyo mukinyi wa PSG, uwa mbere yaguzwe amahera menshi kw'isi, yagiye kwunyura ibintu mu gukwiragiza ireresi irimwo isanamu yiwe yambaye impuzi ya Barcelona, yakurikijeko ubutumwa bwo mw'isezerano rya kera muri Bibiliya. (Goal.com)

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Neymar

Umukinyi wa Tottenham akina hagati, Christian Eriksen w'imyaka 27 asanzwe kandi akinira Danemark, ashobora kubandanya akinira uyo murwi kubera habuze uwundi murwi ufise uburyo bukwiye kugira ngo ushobore kumugura. (Guardian)

Liverpool yinjiye mu gitigiri c'imirwi iriko irondera umusatirizi wa CSKA Moscow, Fedor Chalov ku miliyoni 20 z'amapawundi. Arsenal, Manchester City, Tottenham, Chelsea na Manchester United nazo nyene zikaba zishinze ijisho uyo mukinyi w'imyaka 21. (Mirror)

Tottenham ibandanya irondera umukinyi wo hagati wa Real Betis Giovani lo Celso w'imyaka 23 asanzwe kandi akinira n'umurwi nserukiragihugu wa Argentina. Ku ruhande rwayo, Betis ishinze ijisho ku mukinyi wo hagati w'umufaransa, Nabil Fekir afise imyaka 25, akaba asanzwe akinira Lyon. (Football.London)

Uwufise ububasha kw’isanamu SNS
Image caption Kieran Tierney

Arsenal yatanze ayandi mafaranga angana n'imiliyoni 25 z'amapawundi ku mukinyi w'inyuma wa Celtic, Kieran Tierney w'imyaka 22, inyuma y'aho uyu murwi wo muri Ecosse wankiye igiciro c'imiliyoni 15 z'amapawundi zari zatanzwe na Arsenal mu kwa gatandatu. (Mail)

Daniel Sturridge yahawe akaryo ko kunagura umwuga wiwe mu murwi Bologna wo mu Butaliyano, inyuma y'aho uyo musatirizi w'umwongereza w'imyaka 29 aviriye muri Liverpool. (Express)

Arsenal iriteguye guhangana na Tottenham hamwe na Juventus mu kurondera umukinyi wo hagati wa AS Roma, Nicolo Zaniolo w'imyaka 20. (Calciomercato)

Umukinyi wo ku ruhande wa Manchester City, Leroy Sane, ntariko arwanirwa na Bayern Munich yonyene - uyo mudagi w'imyaka 23 ariko arwanirwa n'amahinguriro atatu ahingura ibirato vy'abakinyi. (Sun)

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Leroy Sane

Liverpool ivuga ko ata na kimwe iravugana na Real Madrid ku musatirizi w'umunyasenegali, Sadio Mane w'imyaka 27, n'aho umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Senegali, Saer Seck, avuga ko uyo murwi wo mu gihugu ca Espanye woba umaze kumutangako igiciro. (Liverpool Echo)

Ibiganiro bigeze kure hagati ya Atletico Madrid na Napoli kugira ngo igure umukinyi w'inyuma akomoka muri Albania, Elseid Hysaj w'imyaka 25, asanzwe kandi ariko aronderwa na Manchester United. (Football Italia)

Dinamo Zagreb ivuga ko ishobora kugurisha umukinyi wo hagati, Dani Olmo w'imyaka 21 akomoka muri Espanye, abandanya aronderwa na Manchester United. (Manchester Evening News)

Umukinyi wo hagati wa Everton, umunyasenegali Idrissa Gueye w'imyaka 29, avuga ko amaze kwumva ibihuha bivuga ko ashobora kwimukira muri Paris St-Germain, ariko ko ikimuraje ishinga ubu ari ihiganwa ry'igikombe rihuza imirwi ya Afrika. (Sport Witness)