Ebola ngo nta mpungenge iteye irushanwa rya beach volley ball mu Rwanda
Ntibishobora gukina mu cuma cawe

Ebola ngo nta mpungenge iteye irushanwa rya volley beach mu Rwanda

Mu Rwanda kuva uyu munsi hariko habera amahiganwa mpuzamakungu y'urukino bita volley yo ku mucanga canke volley beach.

Ayo mahiganwa asanzwe atunganywa n'urunani rw'amashirahamwe y'urukino rwa Federation International de Volley Ball canke FIVB.

Ayo mahiganwa yitabiriwe n'imigwi yo mu bihugu bitandukanye birenga 20, birimwo 2 vyo muri Afrika n'ukuvuga u Rwanda nyene na Cote d' Ivoire, akazobera mu karere ka Rubavu hafi y'urubibe n'umuji wa Goma.

Florentine Kwizera yabajije umukuru w'ishirahamwe ry'umupira w'amaboko Volley Ball mu Rwanda, Leandre Karekezi, nimba ata mpungenge bafise ku ngwara ya Ebola na burya ivugwa hakurya y'umupaka kandi izo nkino zikaba zikwega abantu benshi.

Urahobora gusoma kandi:

Ibindi bisa n’ibi