Parezida Donald Trump wa Amerika yahagaritse ibiganiro vy’amahoro n’aba Talibani

Donald Trump Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Donald Trump yavuga ko yari yiteguye kubonana n'abategetsi bakuru b'aba Talibani kuri uyu wa Mungu

Umukuru w'igihugu ca Leta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald , avuga ko yahagaritse ibiganiro vy'amahoro n'aba Talibani vyarondera kurangiza intambara ya Afganidstani imaze imyaka 18.

Bwana Trump yatangaje ko yari yiteguye kubonana n'umukuru w'igihugu ca Afganistani Ashraf Ghani n'abategetsi bakuru b'aba Talibani uno munsi ku wa Mungu.

Ariko yahagaritse uwo mubonano wari utegekanijwe mw'ibanga aho asanzwe ari mu karuhuko i Camp David, inyuma y'aho abarwanyi b'aba Talibani bamenyeshereje ko aribo bakoze igitero cahitanye umusirikare wa Amerika.

Ivyo biganiro vyari bitegekanijwe hasigaye iminsi mikeya ngo hibukwe igitero co ku wa 11 z'ukwezi kw'icenda mu 2001 muri Amerika, gikozwe n'abarwanyi ba Al-Qaeda kigahitana abarenga 3000.

Amerika yateye Afganistani yomora ubutegetsi bw'aba Talibani mu 2001 kubera bwagirizwa ko bwari bwahaye indaro uyo murwi wa al-Qaeda, igihe wariko utegura igitero co ku wa 11 z'ukw'icenda.

Umwe mu bakora mu biro vy'aba Talibani i Doha mu gihugu ca Qatar yabwiye BBC ko uyo murwi wariko utegura "inama yihuta" kugira ngo bihweze iyo ngingo ya Bwana Trump.

Ibiro vy'umukuru w'igihugu Ashraf Ghani - ashobora kuba yarabonanye na Bwana Trump nk'uko bivugwa na Trump nyene - bivuga ko amahoro nyakuri ashoboka mu gihe aba Talibani bokwemera guhagarika intambara, bakaganira imbonankubone na leta ya Afganistani.

Uwo mubonano amaso mu yandi n'aba Talibani wobaye ikintu gikomeye kibaye inyuma y'amezi atari make yari aheze abategetsi ba Amerika bari mu biganiro n'abategetsi b'aba Talibani i Doha, umugwa mukuru wa Qatar.

Ivyo biganiro vyari vyashitse no ku masezerano y'intangamarara, yavuga ko Amerika yotegerejwe kuba yakuye abasirikare bayo muri Afuganistani bashika 5,400 mu mezi 20 ari imbere, aba Talibani nabo bakemera ko ico gihugu kitazosubira guha indaro imirwi y'iterabwoba.

Gushika ubu, Amerika ifise abasirikare 14.000 bari muri Afuganistani.

Muri kino gihe, aba Talibani biganzira igice kinini c'igihugu, bakaba bashimangira ko badashobora kuganira ya Afuganistani gushika bumvikanye na Amerika ku kirangamisi cerekana ingene abasoda bayo bazotahukanwa.

Ivyo biganiro kandi vyari bifise intumbero y'ugucira inzira ibiganiro hagati y'abanya Afuganistani ubwabo mu ntumbero y'ugutorera inyishu ya politike ibibazo bihari.

Hagati aho, hari abanya Afuganistani batari bake bafise ubwoba ko amasezerano ayo ari yo yose ashobora gutuma uburenganzira baronse bigoranye bugenda buyonga, mbere n'aba Talibani bagasubira gufata ubutegetsi.

Abasirikare mpuzamakungu bashika 3500 baramaze gusiga ubuzima mu ntambara yo muri Afuganistani kuva mu mwaka wa 2001, abarenga 2300 bakaba ari abanyamerika.