Ayavugwa mu mupira w'amaguru i Bulaya: 07/09/2019 : De Gea, Mbappe, Neymar, Skriniar, Van der Sar

Umunyegori wa Manchester United, David de Gea
Image caption Umunyegori wa Manchester United, David de Gea

Umurwi wa Juventus wo mu Butaliyano iriko irondera gutangura ibiganiro n'umunyegori Manchester United, David de Gea mu kwezi kwa mbere 2020. Ku ruhande rwayo, Manchester United imaze gutangura kurondera uwushobora kumusubirira.(Sunday Express)

Manchester United iri hafi yo gushika ku masezerano n'uwahoze ari umunyegori wayo, umunya Hollande Edwin van der Sar ko yorongora igisata kijejwe umupira w'amaguru muri uyo murwi. (Sunday Mirror)

Hari abakinyi bamwe ba Barcelona bitanze bagatanga amahera yabo mu ntumbero yo gufasha kugura umukinyi w'imbere w'umunya Brezili Neymar Jr w'imyaka 27 asanzwe akinira umurwi PSG. (Marca)

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption NEYMAR

Abarongoye Chelsea - isanzwe iri mu gihano c'ukutagura abakinyi mu kiringo c'imyaka ibiri - ko bokwitegura kugura abankinyi mu kwezi kwa mbere. (Sunday Mirror)

Umurwi wa Manchester City uriteguye gutanga imiliyoni 24 z'amapawundi mu kwa mbere ku mukinyi w'inyuma wa Slovakia na Inter Milan, Milan Škriniar, ni mu gihe umumenyereza wa City, Pep Guardiola, ashaka gutorera inyishu ikibazo c'imvune gihanze uyo murwi. (Sunday Express)

Virgil van Dijk w'imyaka 28, umukinyi wa mbere yatowe na Uefa, yemeye kwongereza amasezerano n'umurwi wiwe wa Liverpool mu kiringo kindi c'imyaka itandatu. (Sunday Mirror)

Real Madrid iracarondera kugura umusatirizi w'umufaransa, Kylian Mbappe w'imyaka 20 asanzwe akina muri Paris St-Germain mu gihe c'igura n'igurishwa ry'abakinyi ryo mu mwaka uza. (Sport - in Spanish)

Image caption Kylian Mbappe

Umusatirizi wa Mexique,Javier Hernandez w'imyaka 30 yari kubandanya akinira West Ham gushika amasezerano afitaniye nayo arangire iyo umurwi Seville itamugura mu ndwi ya nyuma yarangiza ikiringo c'igura n'igurishwa ry'abakinyi. (Football London)

Image caption Javier Hernandez

Umukinyi w'inyuma wa Tottenham, umufaransa Tanguy Ndombele w'imyaka 22, agize iminsi yiga icongereza kugira ngo ashobore kuba mu buzima bw'i Londres inyuma y'aho aguriwe avuye mu murwi wa Lyon. (Football. London)

Umukinyi w'imbere wa Roma Edin Dzeko arindiranye igishika cinshi gukinana n'umukinyi w'umunya Armenia, Henrikh Mkhitaryan w'imyaka 30, yatijijwe muri uyo murwi avuye muri Arsenal. (Corriere Dello Sport - in Italian)

Umukinyi wo ku ruhande wa Juventus, Juan Cuadrado w'imyaka 31 yiteze kugiriranira ibiganiro n'uyo murwi, n'aho adahabwa umanya munini w'ugukina kuva Juventus itanguye kumenyerezwa Maurizio Sarri. (Goal)

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Juan Cuadrado

Umukinyi Eddie Nketiah w'imyaka 20 ari mu kuja gukinira Leeds United atijijwe n'umurwi wiwe wa Arsenal mu ntumbero y'ukumutegura kuwukinira mu murwi mukuru muri kazoza. (Mail on Sunday)

Umumenyereza wa Seville, Julen Lopetegui, yari yarondeye kugura umukinyi w'inyuma, umunya Espanye Nacho Fernandez w'imyaka 29 asanzwe akinira abakeba bayo muri La Liga, Real Madrid. (Marca)

Umurwi wa Napoli utegura kwongereza amasezerano n'umukinyi wo hagati w'umunya Espanye, Fabian Ruiz. Uyo mukinyi w'imyaka 23 asanzwe aronderwa na Real Madrid yari yatanze imiliyoni 40.7 z'amapawundi muri iri ci kuri we ariko Napoli irayanka. (Football Italia)