Ivangura mu mupira w’amaguru ni ikibazo ngorabahizi

Yaya Touré Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Yaya Touré

Haraciye indwi zitari nke ibijanye n'ivangura rishingiye ku rukoba bivugwa cane mu mupira w'amaguru.

Abakinyi batari bake basanzwe bakina i Bulaya bariziziwe n'iryo vangura, riboneka ko ari ikibazo kimaze imyaka iharurwa muri mirongo n'iyindi.

Abategetsi muvyo umupira w'amaguru bariko bagerageza kurwanya ubwo bukozi bw'ikibi, ariko kiboneka ko kikiri ingorabahizi.

Ni ikibazo kimaze imyaka myinshi cane, aho abakinyi b'abanya Afrika aribo biziziwe gusumba, ugasanga batukwa canke bakazomerwa mu kibuga.

Ubu rero bikaba vyimukiye ku mbuga hwaniro, aho abakinyi batari bake batukwa, bagatyozwa, eka bakandikwako ibitari bike, abarongoye ivyo umupira w'amaguru i Bulaya bakabura ico bafata n'ico bareka.

Umunyamakuru wa BBC Stanley Kwenda agize iminsi aganira n'abakinyi be n'abahoze ari abakinyi rurangiranwa.

Umwe muri abo bakinyi nawe nyene yahuye n'ico kibazo, ni umunya Côte d'Ivoire Yaya Touré. Yakinye mu bihugu vy'Ububirigi, Ukraine, Ubugiriki, Ubufaransa, Espanye hamwe n'Ubwongereza.

Avuga ati: "Abantu babifata nk'ugufyinata, ntaco bibabwiye gutyoza abakinyi. Jewe namye ngwanya iyi ngeso ariko igitangaje ibandanya".

Ishirahamwe Kick It Out ryishinze kurwanya amacakubiri nk'ayo, rivuga ko ikumira rishingiye ku rukoba ryiyongereye cane mu myaka indwi iheze, aho mu mwaka w'inkino uheze gusa ryaduze gushika ku bice 50%.

Mu bakinyi biziziwe cane harimwo umusatirizi wa Liverpool Mohamed Salah hamwe na Wilfred Zaha wa Crystal Palace.

Kuri bamwe iyo ngezo ntishobora guhera.

Lomana Lua Lua yahoze ari umusatirizi akomoka muri Repubulika y'Intwaro Rusangi ya Congo, akaba yarigeze gukorana n'ishirahamwe Kivck It Out.

Avuga ati: "Si nibaza ko bizokwigera bihagarara. None ko bitazokwigera bihagarara, hokorwa iki? Guta umwanya wose ugerageza kubirwanya? Ivyo ntaco bimaze. Abatama ntaco bibabwiye, ni intumva! Igikenewe ni uko abakiri bato ari bo bokorerwako bakigishwa".

Arthur Masuaku ni umukinyi nawe nyene akomoka muri RD Congo muri kino gihe akaba akina muri West Ham mw'ihiganwa ry'Ubwongereza.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Arthur Masuaku

Avuga ati: "Jewe vyarambayeko, aho ikijuju kimwe c'umufana cancirako amate, kimbwira ngo 'subira iwanyu', jewe naritwengeye. Kuri jewe ni ibintu bibabaje, ariko simbona ico nokora".

Ikibazo c'ivangura kiri hose i Bulaya, ariko bigasumbana bivanye n'igihugu, nk'uko bivugwa n'umunya Afrika y'Epfo, Benni McCarthy, yigeze gukina mu bihugu bine bikomeye mu mupira w'amaguru.

Ati: "Mu Buholande narahuye n'ico kibazo, ariko nababajwe cane ndi muri Espanye, aho nabwiye ibijambo bibi cane rwose gushika aho numva umengo sinosubira gukina kuko ntashobora kuvyihanganira".

"Muri Portugal, baragukunda iyo ukina mu murwi wabo, ariko ukina ahandi, ni ibindi bintu, uramererwa nabi, baragutuka, bakakwita inkobe/inguge"

"Nagiye kugira agahengwe ndi mu Bwongereza kuko nico gihugu cubaha gusumba ibindi. Mu Bwongereza ntushobora kwumva indirimbo za hooo hooo (indirimbo zisigura inguge)".

Umurwi wa Crystal Palace ufise abakinyi batari bake b'abirabure, usanzwe ukinamwo Wilfred Zaha aherutse gutyozwa kubera ari umwirabure.

Hakwiye ibihano ku bafana n'imirwi yabo

Roy Hodgson, umumenyereza wayo avuga ati: "Ico ni ikibazo c'imibereho muri rusangi, si mu mupira w'amaguru gusa. Ni ikibazo ibihugu vyose, cane cane Ubwongereza, biriko bigerageza gutorera umuti" .

Abakinyi bamwe baragabisha ko bashobora kuza barivumbura bakava mu kibuga mu gihe bobandanya biziziwe n'ivangura rishingiye ku rukoba.

Hagati aho, umunya Senegal El Hadji Diouf umusatirizi yahoze akina muri Liverpool afise impanuro itandukanye.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption El Hadji Diouf

Abwira abandi bakinyi ati: "Ndazi ko jewe El Hadji Diouf abantu batankunda, ariko sinigera ndabaha akaryo ko kunyifatira mu gahanga, kandi mvuga nti ivyo bizokwama bishikira abakinyi bose b'abanya Afrika".

"Ntibazigera babaha ikibanza nk'ico baha ab'iwabo. Ico nobahanura ni ukwigumya, ugakinana umutima wawe wose, kandi ubinezererewe kugira ngo mubereke ko turi abakinyi bakomeye".

Ivangura rishingiye ku rukoba ni ikibazo ngorabahizi mu mupira w'amaguru. Yaya Toure avuga ko umupira w'amaguru ari urukino ruhuza abantu bose b'imice itandukanye, aho rero ububi bw'abantu kanaka buca bwibonekeza.

Kuri we icoba ciza ni uko imirwi n'abakunzi bayo bofatirwa ibihano ruhasha.

Muri kino gihe, hari ubwoba ko mu gihe ivangura rishingiye ku rukoba ryobandanya rishobora gutuma urwaruka rwinshi rushobora guheba gukunda urwo rukino ruryoheye ijisho.

Ibindi bisa n’ibi