El Clasico: Urukino hagati ya Barcelona na Real Madrid rwigijwe inyuma ku gutinya imvururu

ABakinyi ba Barcelona na Real Madrid Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Barcelona na Real Madrid ni ikipe zifitaniye ubukeba bumaze imyaka ishika ijana

Urukino rw'umupira w'amaguru ruzwi nka El Clasico rw'uno mwaka hagati ya Barcelona na Real Madrid rwigijwe inyuma kubera ubwoba bw'uko hokwaduka akaguma.

Urwo rukino rwo mu ciciro ca mbere c'umupira w'amaguru wo muri Esipanye, rwagomba kuba itariki 26 z'ukwa cumi, ariko haraciye iminsi hari imyiyerekano i Barcelona.

Iyo myiyerekano yatanguye nyuma y'aho abarongozi icenda b'abaharanira ukwiyonkora kw'intara ya Calalonia batariwe muri yombi.

Yaba Barcelona canke Real Madrid, zose zaranse ivyasabwa vy'uko urwo rukino rwokwimurirwa i Madrid.

Ayo makipe yasavye ko urwo rukino rwokwimurirwa kuwa gatatu itariki 18 z'ukwa cumi na kabiri.

Umumenyereza Ernesto Valverde yavuze ko Barcelona idashaka ko urwo rukino rwimurirwa i Madrid kuko bazoja i Salvia Prague mu rukino rwa Champions League itariki 23 z'ukwa cumi, iminsi itatu imbere y'itariki El Clasico yagomba kuberako.

Umumenyereza wa Real Madril, Zinedine Zidane, yabajijwe ivyerekeye kwimura urwo rukino mu kiganiro n'abamenyeshamakuru uno munsi, aca avuga ati "tuzoba twiteguye gukina kw'itariki tuzobwirwa n'ababijejwe."

Yongeyeko ati "tuzokora ivyo vyose tuzosabwa."

Uburongozi bw'ihiganwa La Liga bwigije inyuma urwo rukino nyuma yo kubisabwa kubera "imvo zidasanzwe zirengeye ubushobozi bwabwo" kuko hategekanijwe iyindi myiyerekano ku munsi urwo rukino rwobereyeko.

Ibindi bisa n’ibi

Ibindi kuri iyi nkuru