Ronaldo arashobora gutsinda bibiri uno munsi kugira ashika 100 mu murwi nserukiragihugu?

Cristiano Ronaldo Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Cristiano Ronaldo

Cristiano Ronaldo arashobora gutsinda igitsindo kigira 100 kuri uyu wa Mungu mu gihe yoramuka avyifashemwo neza mu rukino ruza guhuza Portugal na Luxembourg mu nkino z'ukurondera uburenganzira bwo kuja mw'ihiganwa rya Euro 2020.

Uyo musatirizi wa Juventus amaze gutsindira umurwi nserukiragihugu wa Portugal ibitsindo 98 akaba ashobora kuba umukinyi agize kabiri atsinze ibitsindo vyinshi mu murwi nserukiragihugu kw'isi.

Ronaldo niwe mukinyi amaze gutsinda ibitsindo vyinshi mu murwi nserukiragihugu.

Niwe kandi mukinyi wa mbere ku mugabane wa Bulaya amaze gutsinda ibitsindo vyinshi mu murwi nserukiragihugu.

Gushika ubu, uwahoze ari umukinyi w'imurwi nserukiragihugu wa Irani, Ali Daei, niwe mukinyi amaze gutsinda ibitsindo vyinshi kw'isi mu murwi nserukiragihugu, agakurikirwa na Cristiano Ronaldo arondera gushikana ibitsindo 100.

Ibindi bisa n’ibi