CECAFA: Tanzania 4 - 0 Burundi, umumenyereza ati 'badusumvya ubuhinga'

MU rukino rwa mbere rwo ku wa 16 z'uku kwezi kwa 11, Uburundi bwatsinze Zanzibar ibitsindo 5-0 Uwufise ububasha kw’isanamu Eagan Salla, BBC
Image caption MU rukino rwa mbere rwo ku wa 16 z'uku kwezi kwa 11, Uburundi bwatsinze Zanzibar ibitsindo 5-0

Mu rukino rwa kabiri rw'umurwi nserukiragihugu w'abagore mw'ihiganwa rya CECAFA, umurwi w'u Burundi ntiworohewe, kuko urukino rwarangiye utsinzwe na Tanzania ibitsindo 4-0.

Umumenyereza w'uyo murwi aremera ko barushijwe, ariko akavuga ko bagiye kwikosora mu zindi nkino zimirije.

Uburundi buri mu murwi B kumwe na Tanzania, Sudani y'Epfo, na Zanzibar, u Burundi buri mu kibanza ca kabiri n'amanota atatu, inyuma yo gutsinda Zanzibar ibitsindo 5-0 mu rukino rwa mbere rwabaye ku wa gatanu.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru inyuma y'aho u Burundi butsindiwe na Tanzania, Daniella Nibimenya, umumenyereza w'umurwi w'u Burundi, avuga ko ataco batagize.

Ati: "Bakinye neza kandi bakurikije impanuro twabahaye, n'aho twatsinzwe twakinye neza".

Avuga ko Tanzania yabatsinze kubera abakinyi bayo bazinanye kuko basanzwe bakinana kuva kera kandi ko babasumvya n'ubuhinga.

Uwufise ububasha kw’isanamu Eagan Salla, BBC
Image caption Hagati aho, Daniella Nibimenya, umumenyereza w'umurwi w'u Burundi, arizigiye abakinyi biwe

Urwo rukino rwari rurindiriwe n'abakunzi b'umupira w'amaguru benshi, na rirya abenshi mu bagize umurwi w'u Burundi harimwo abasanzwe bakina mw'ihiganwa rya Tanzania.

"Twakinye aho tugeza, kandi haburana babiri hagatsinda umwe, ni ibisanzwe. Twatsinzwe uno munsi, ariko ihiganwa rirabandanya, tuzorurwana gushika ku kanyuma".

Nibimenya avuga ko bagiye kwikosora kugira ngo baze bavyifatemwo neza mu nkino ziri imbere.

Uburundi bwiteze guhura na Sudani y'Epfo mu rukino rutegekanijwe ejo ku wa gatatu isaha umunani mu masaha y'i Dar es Salaam.

Iryo higanwa rya CECAFA ririko ribera i Dar es Salaam muri Tanzania ryatatanguye ku wa 16 z'uku kwezi rihuza imirwi umunani iva muri Uganda, Kenya, Ethiopia, Tanzania, Burundi, Djibuti Zanzibar na Sudani y'Epfo.

Ibindi bisa n’ibi