Eto'o ashaka 'gusubiriza Afrika mu ndumane' yifashishije amashure

Samuel Eto'o Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Rurangiranwa wo muri Cameroun Samuel Eto'o yakinye mu bihugu vya Espagne, Uburusiya, Turkiya, Qatar n'Ubwongereza.

Icamamare c'umunyafrika mu mupira w'amaguru Samuel Eto'o avuga ko ashaka gukoresha ubumenyi azokura mu cigwa c'ubutunzi muri Kaminuza ya Havard muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, mu gusubiriza mu ndumane umugabane wa Afrika.

Uyo yatsindiye incuro 4 agashimwe k'umukinyi mwiza wo ku mugabane wa Afrika gatangwa buri mwaka yamenyesheje ko agiye mu zabukuru mu mupira w'amaguru afise imyaka 38 mu kwezi kwa 9.

Eto'o yizera ko kujabuka ibahari Atlantique aja muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika kwiga ibijanye n'ubutunzi bizofasha intumbero yiwe yo gufasha umugabane wa Afrika.

Eto yabwiye ikinyamakuru co mu Bufaransa, Jeune Afrique, candikirwa kuri Internet ati: "Ngomba gufasha no gutanga intererano nziza mu guhindura umugabane wacu".

''Iyo uri umukinyi w'umupira w'amaguru urariha amafranga abantu kugira bagufashe mu kazi kawe n'ibindi vya nkenerwa muri rusange."

''Ariko iyo ari wewe utegerezwa gutunganya akazi abantu bakora, kandi ukaba ushaka kubateza imbere, utegerezwa kwiga ubundi ubumenyi bushasha."

Uyo yahoze ari umukinyi w'imbere w'igihugu ca Cameroun n'ikipe ya Barcelona, akaba kandi ari we yinjirije igihugu ciwe ibitsindo vyinshi, bishika 56 mu nkino 118, yaremanze ingingo yiwe yo kwiga ubuzima bwiwe bwose niyahagarika gukina umupira w'amaguru.

Yasiguye ati: ''Mu kwezi kwa mbere nzotangura ivyigwa vyo gutunganya ibijanye n'ubutunzi muri Kaminuza ya Havard inyuma y'aho iyo Kaminuza ingiriye neza ikanyemerera inyigisho z'umwihariko''.

"Nzoba mba mu gisagara ca Boston mu kiringo kingana hafi umwaka. Ntibizoba vyoroshe, ariko ni ibitoroshe binezereye, mukaba musanzwe muzi ko jewe nkunda cane ibimbiza akuya".

Eto'o yatsindiye ibikombe vyinshi mu gukina kwiwe muri Espagne no mu Butaliyano, ariko aho yabiciye bigacika ku rwego rw'amakipe ni muri Barcelona aho yakinye kuva mu 2004 gushika mu 2009.

Mu bikombe yaronse muri iyo kipe harimwo 3 vyo mw'ihiganwa La Liga na bibiri vya Champions League.

Yaratsindiye kandi Champions League amenyerezwa na Jose Mourinho muri Inter Milan mu 2010, akaba kandi afise umudari w'inzahabu mw'ihiganwa Olempike ku rwego rw'ikipe y'igihugu ca Cameroun mu 2000.

Eto'o mu mwuga wiwe yakinye kandi mu bihugu nka Turkiya, Uburusiya hamwe na Qatar, akaba kandi ari nawe amaze kwinjiriza ibitsindo vyinshi mw'ihiganwa ry'igikombe ca Afrika, akaba afise ibitsindo 18.

Yakinye mu mahiganwa ane y'igikombe c'isi aserukiye ikipe ya Cameroun izwi nka "Les Lions Indomptables" mu 1998, 2002, 2010 no mu 2014 aho yakinye incuro 8 akinjiza ibitsindo 3.

Uyo musatirizi kandi yanatsindiye ibikombe vya Afrika bibiri yikurikiranya akinira igihugu ciwe, mu 2000 n'i 2002.

Ibindi bisa n’ibi

Ibindi kuri iyi nkuru