Man Utd v Tottenham: Ni iki kirindiriye Jose Mourinho niyasubira Old Trafford uno munsi?

Jose Mourinho Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Jose Mourinho yamenyereje ubwa nyuma Manchester United i Old Trafford itariki 8 zukwa cumi na kabiri, 2018

Jose Mournho arasubira ku kibuga ca Old Trafford ku mugoroba wo kuri uyu wa gatatu nyuma y'umwaka aho yahaheruka, aho yatsinda Fulham 4-1 itariki 8 z'ukwa cumi na kabiri 2018, ikaba yabaye intsinzi ya nyuma yiwe amenyereza United.

Mourinho afashe urugendo mu buraruko bw'Ubwongereza ajanye ikipe ya Tottenham yagaruye udutege kuva aho yirukaniye Mauricio Pochettino itariki 19 z'ukwa cumi na rimwe.

Iyi kipe ubu ifise intsinzi zitatu mu mikino itatu nyene, intsinzi zayifashije gushika mu kibanza ca gatandatu muri Premier League.

Umukinyi akinira Ubwongereza hagati, Dele Ali, niwe asa n'uwahinduwe cane n'umuzo wa Mourinho.

Ku buryo buhushanye, ikipe Mourinho yahoze amenyereza yo ihagaze nabi. Niyinjira mu cumba c'abashitsi ca Old Trafford, icumba bivugwa ko yagabaniye ubwaguke, Mourinho araba yiteguriye guhura na United iri mu kibanza ca 10 ku rutonde.

Imaze gutsinda gusa inkino zine muri rino higanwa, ibintu bitari bwayishikire kuva mu 1990.

None ninde yungukiye mu kuva kwa Mourinho muri United? Hanyuma abakunzi ba Tottenham bokwiyubara iki hihwejwe igihe uyu munye Portugal yamaze Old Trafford?

Mourinho aguma yemanga ko ibiriko biraba muri Tottenham muri uno mwanya atari we babikesha.

Ariko ni bake bemera ivyo avuga. Uko bimeze kwose, urusaku ruherekeza Mourinho rwama rutuma ari we agaragara cane, naho yoba atari we bivuyeko.

Yakeje agahungu gatora imipira kuba karafashije Tottenham gutsinda Olympiakos mu rukino rwa Champions League itariki 26 k'ukwa cumi na rimwe, aca atumira ako gahumba mu cumba abakinyi bihinduriramwo mu rukino rwo ku wa gatandatu batsinze Bournemouth. Ivyo vyose vyaciye vyegekwa kuri Mourinho.

Co kimwe no kwivyukiranya kwa Alli agatangura gukina neza, nakwo kwashizwe kuri Mourinho.

Amakuru ava muri Tottenham avuga ko Mourinho gushika ubu ari nk'aho ataco arahindura. Rimwe na rimwe arara mu buraro bw'ikibanza co kwimenyerezamwo ca Tottenham, ariko ivyo ntibizovugisha benshi nk'imyaka ibiri n'igice yamaze mw'ihoteli Lowry i Manchester.

Ariko, harabaye agakoryo.

Mourinho ntakunda guhatira abakinyi ibikorwa nk'uko vyari kuri Pochettino, rero ntihazobamwo igikenye nk'uko vyahora. Ahubwo, bazokwibanda ku guhagarara neza mu kibuga, baba bafise umupira canke batawufise.

Ntibiri mu kuri kuvuga ko Mourinho ari umumenyereza yibanda ku kuzibira - ariko aba yitunganije neza cane. Nk'uko United yabibonye nyuma y'iyirukanwa rya Mourinho, amahirwe Tottenham iriko iraronka ni ayo kugira ijwi rishasha, uburyo bushasha hamwe no gutangura gushasha.

Ibi bisa n'ibimenyerewe - ariko none Mourinho yarahindutse?

Mourinho ntavyo yari gukora birusha butsinda imikino yiwe itatu ya mbere y'amahiganwa. Gutsinda bitagoranye West Ham na Bournemouth, hamwe n'urukino rushushe bakinye na Olympiakos.

Subiza amaso ku ntango yiwe muri United. Gutsinda vyoroshe muri Premier League Bournemouth na Southampton, bikurikirwa n'igitsindo co ku munota wa nyuma ca Marcus Rashford kuri Hull catanze intsinzi.

Urukino rwa kane nirwo rutagenze neza.

Gutsindirwa muhira na Manchester City vyakurikiwe no guhitamwo abakinyi kwa Mourinho kwavuzwe cane. Yasimbuye Henrikh Mkhitarya nyuma y'igice ca mbere. Mourinho, ataduduriyeko, avyita "gukina nabi".

Mkhitaryan yaciye amara amezi hafi atatu ata rundi rukino atanguye. Amaze kuva muri United, uwo munye Armenia yavuze ko ukwizerana n'umumenyereza wari kwaratosekaye.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Jose Mourinho yakuyemwo Eric Dier mu gice ca mbere mu rukino rwiwe rwa mbere amenyereza Tottenham

Ubudasa bw'ukuntu Mourinho yafashe Eric Dier mu minsi indwi iheze ntikwari kwigaragaza kurusha. Nyuma y'urukino na Olympiakos, aho yasubiriza uwo mukinyi w'Ubwongereza ku munota wa 29, Mourinho yamusavye ikigongwe ku mugaragaro.

Yaciye amusubiza mw'ikipe mu rukino rwakugirkiye na Bournemouth, aho Dier yakinye iminota yose 90.

Ibi vyoba vyerekana ko Mourinho asigaye afise ubuntu, canke kwoba ari ukwisemba kubera ukuntu yafashe umukinyi wo hagati ameze nk'abo yamwe yikorako mu kumenyereza kwiwe?

Ubiravye bisa nk'uko yoba koko asigaye afise ubuntu ufatiye ku kuntu uyu mugabo w'imyaka 56 yakoze ku mutima abakozi ba Tottenham.

Muri United, hari icuka c'icizere igihe yatangazwa nk'uwuzosubirira Louis Van Gaal, ariko umupira wa Mourinho ntaco wasumbije uw'uwo Muholandi - kandi ugushaka kwagaragara kwari guke.

Amajambo akarishe - intumbero itandukanye

Mourinho ntiyigeze atinya kuvuga amajambo akwega induru. Muri United, batanguye indwi nyuma y'ugusimburwa kare kwa Mkhitaryan mu rukino rukomeye.

Nyuma y'ukundi gutsindwa - na Watford - Mourinho yifatiye mu gahanga Luke Saw nk'inkwezi y'akabi, yagiriza uwo mukinyi wo hagati w'Ubwongereza kuba yari ku metero 25 z'uwo yagomba kuzibira, hako zobaye zitanu, kuri ubwo rero akaba atari gushobora guhagarika umupira wavuyemwo intsinzi ya Watford.

Shaw yatanguye urukino rumwe gusa rwa Premier League mu mezi atanu yakurikiye. Mourinho aramaze kwemanga ko akoresha amajambo yo guha ingoga Alli, amubaza niba amaze gusa amezi atanu akinira Tottenham canke niba ari mwene wabo.

Umwimbu wabaye akarora uhore - ariko, birashoboka, ko kuronka umwimbu nk'uwo kuri Christian Eriksen bishobora kugorana ufatiye ku kuntu amasezerano uwo munye Danemark afitanye na Tottenham, azohera mu mpera z'amahiganwa y'ubu.

Kandi, naho yasohoye hafi miriyoni £400 agura abakinyi akiri Old Trafford, Mourinho asa n'uwufise ikipe ihagaze neza atigeze agira muri Manchester.

Mu bantu nka Toby Alderweireld, Jan Vertonghen na Davinson Sanchez, afise abakinyi batatu bo hagati bameze neza cane, ico kibanza akaba ataremerewe kugikomeza mu mwaka wiwe wa nyuma Old Trafford.

Alli ubu ariko arakina neza cane mu kibanza ca nimero 10 co kimwe nk'uko Frank Lampard yabikoze - naho we yaba ari imbere cane - igihe Mourinho yashika ubwa mbere mu Bwongereza avuye muri Porto mu 2004.

Kandi naho Harry Kane atari Didier Drogba mu kuremwa, arinjiza kenshi kurusha uwo ari we wese muri United kuva umwaka wa mbere wa Zlatan Ibrahimovic muri United wiganjemwo kuvunika, nyuma y'aho uwo munye Swede yinjirije ibitsindo 28 mu nkino 45.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Zlatan Ibrahimovic yazanywe na Jose Mourinho muri Manchester United mw'ici ro mu 2016

Icoba gitewe na Mourinho gihanze Solskjaer

Dufatiye ku kuntu yakiriwe Old Trafford igihe aherukayo nk'umusesanguzi wa Sky Sport, Mourinho araza kwakirwa neza n'abakunzi ba United.

Kanatsinda, yarabahaye ibikombe bibiri anashikana iyo kipe ku kibanza ciza mw'ihiganwa - ica kabiri - kuva Sir Alex Ferguson agiye mu za bukuru mu 2013.

United yari iya gatandatu Mourinho agenda, iyo kipe mu mwiherero ikaba ivuga ko ataciyongereye mu buryo bwo gukina canke mu gutsinda igiye yayimenyereza.

Ariko ikibazo uwamusubiriye, Ole Gunnar Solskjaer, afise ni uko - nyuma yo gutangura neza - United yateye intambwe inyuma cane.

Kunganya ku wa Mungu i Old Trafford na Aston Villa vyatumye iyo kipe ija mu kibanza ca 10, ikaba imaze gutsinda kane n'amanota 18 mu nkino 14.

Kugira ashikane 26 mu nkino 17 bitatumye Mourinho atirukanwa haraciye amaze 12, Solskjaer akeneye gutsinda inkino zitatu zikurikira, zirimwo uruno rwa derby na Manchester City kuwa gatandatu.

Nivyo ko uyu munye Norvege agishigikiwe cane imbere no hanze y'ikipe kandi akaba yariyemeje gukinisha abakinyi bakiri bato - ibintu Mourinho atigeze akozwa, naho kenshi yavuze ko ashaka kubikora.

Ariko ikipe ya United biragaraga ko hari ivyo ibuze. Bataguze abakinyi mu kwezi kwa mbere, Solskjaer bizomugora gushika muri batandatu ba mebre, aho ntituvuze kuronka ikibanza ca Champions League.

Kandi nta n'umwe, naho yoba akunzwe gute, yorusimba mw'ihiganwa ritababarira rya Premier League, abandanije atsindwa.

Ibindi bisa n’ibi