Mikel Arteta yemejwe nk'umumenyereza mushasha wa Arsenal

Mikel Arteta Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Arteta yatwaye ibikombe bibiri vya FA Cup mu myaka itanu yakiniye Aresenal

Arsenal yagenye uwahoze ari umukinyi wayo wo hagati, Mikel Arteta, ngo ayibere umumenyereza/umutoza ku masezerano y'imyaka itatu n'igice.

Uwo mugabo w'imyaka 37 yatsindiye igikombe ca FA Cup kabiri mu myaka itanu yamaze akinira Gunners, akaba asubiriye umunye Espagne Unai Emery, yasezerewe mu kwezi guheze.

Arteta yakora nk'umumenyereza w'icegera ca Pep Guardiola wa Manchester City, ikibanza yagiyemwo mu 2016 nyuma yo kuja mu zabukuru nk'umukinyi.

Areteta yagize ati "dukeneye kuba turiko turahiganirwa ibikombe vyo ku rwego rwo hejuru muri uyu mukino.

"Ivyo ni vyo namenyeshejwe neza na neza mu biganiro nagiranye na banyene ikipe Stan na Josh Kroenke hamwe n'abandi barongozi b'iyi kipe".

Azotangura icese akazi nk'umumenyereza wa Gunners kuwa Mungu, areke Freddie Ljungberg abandanye nk'umumenyereza mfatakibanza mu rukino rwo ku wa gatandatu na Everton - iyindi kipe Arteta yakiniye.

Arsenal ubu ni ya cumi muri Premier League n'amanota 22.

Areteta yongeyeko ati "twese turazi ko akazi katurindiriye katoroshe kugira dushike ku vyo twivuza ariko ndizera ko tuzobishobora.

"Sinshobora kwihenda ngo mvuge ko ari ibintu tuzoshikako mu munsi umwe, ariko ikipe dufise ubu irimwo abakinyi bafise impano kandi turafise urwaruka rwiza ruriko ruraduga mw'ishure ryacu."

Ibindi bisa n’ibi

Ibindi kuri iyi nkuru