Zlatan Ibrahimovic: Igishusho ciwe cakaswe izuru

Ico gishusho kimaze kwononwa incuro nyisnhi kuva cerekanywe ku wa 09/10/2019 Uwufise ububasha kw’isanamu Bilder i Syd
Image caption Ico gishusho kimaze kwononwa incuro nyisnhi kuva cerekanywe ku wa 09/10/2019

Abantu batazwi baciye izuru ry'igishusho ca Zlatan Ibrahimovic kiri hampande y'ikibuga ca Malmo mu gihugu ciwe ca Suède.

Ibrahimovic w'imyaka 38 yahoze ari umusatirizi w'umurwi nserukiragihugu wa Suède yatanguriye gukina mu murwi wa Malmo w'ico gihugu nyene imyaka 20 iheze.

Umubumvyi yakoze ico gishusho, Peter Linde, asaba abanyagihugu guheba ubwo bwononyi.

Uyo mukinyi yahoze akina mu mirwi ya Ajax, Juventus, Inter Milan, Barcelona, AC Milan, Paris St-Germain na Manchester United ariko arondera uwundi murwi yokinamwo mu gihe azoba asezeye mu murwi wa LA Galaxy mu mpera z'ihiganwa rya MLS ry'uno mwaka muri Amerika.

Ku wa 27 z'ukwezi kwa 11, yavuzwe ko yaguze ibice 25% vy'umutahe w'umurwi Hammarby wo muri Suède, warangije ihiganwa uri mu kibanza ca gatatu mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru muri ico gihugu.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Ubu Zlatan Ibrahimovic akina mu murwi wa LA Galaxy muri Amerika

Uwo munsi nyene, igishusho ciwe c'imetero 3.5, cari cakozwe n'ishirahamwe ry'umupira w'amaguru rya Suède carasutseko irangi maze bagiha umuriro, baca bafata igikono c'akazu ka surwumwe bakibohera ku kuboko.

Eka n'inzu ya Ibrahimovic iri ku mugwa mukuru w'ico gihugu Stockholm barayisambuye, maze ku muryango w'imbere naho bacapura ko 'Yuda'.