Ayavugwa mu mupira w'amaguru i Bulaya ku wa gatatu 25.12.2019: Werner, Pogba, Neymar, Haaland, Alonso, Cavani

Neymar Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Neymar

Barcelona irashaka gusubira kugerageza kurondera umusatirizi wa Paris St-Germain, umnya Brezili Neymar w'imyaka 27, mu kiringo gito c'igura n'igurisha mu kwezi kwa mbere kuza. (Goal)

Chelsea iriko irondera kugura mu kwa mbere kuza umusatirizi wa RB Leipzig, umudagi Timo Werner w'imyaka 23. (Express)

Umukinyi wo hagati wa Man United Paul Pogba w'imyaka 26, aripfuza gusezera muri uyo murwi kugira ngo asubire mu murwi wiwe wa kera Juventus. (Calicomercato - in Italian)

Uwufise ububasha kw’isanamu Reuters
Image caption Paul Pogba

Mario Mandzukic yahora akina mu murwi Juventus yahagaritse ibihuha vyari bigize iminsi kuri we mu gushira umukono ku masezerano n'umurwi Qatari ya Al-Duhail n'aho Manchester United yari yaramwipfuje cane. (Mail)

Manchester United iriteguye kugura umusatirizi w'umunya Norvège Erling Haaland w'imyaka 19 igategura kumuhemba umushahara w'amafaranga 200,000 vy'amapawundi kugira ngo yemere ahebe umurwi wiwe wa Red Bull Salzburg. (Sun)

Umukinyi w'inyuma wa Chelsea, umunya Espanye Marcos Alonso w'imyaka 28, ariko araronderwa cane na Inter Milan yo mu Butaliyano. (Calciomercato)

Image caption Marcos Alonso

Umusatirizi wa Paris St-Germain, umunya Uruguay Edinson Cavani w'imyaka 32, ari hafi y'ugushika ku masezerano ashobora gutuma muri uku kwa mbere yimukira muri Atletico Madrid ya Espanye. (Marca)

Arsenal yiteze kugurisha umwe mu basatirizi bayo kugira ngo ishobore kugura umusatirizi wa Lyon, umufaransa Moussa Dembele w'imyaka 23. (Le10Sport - in French)

Image caption Moussa Dembele

Everton na Atletico Madrid bariko bararwanira umusatirizi wa River Plate, umunya Colombia Rafael Santos Borre w'imyaka 24. (AS)

Umukinyi w'inyuma wa Manchester United, Chris Smalling w'imyaka 30 yipfuza kuguma muri Roma yatijijwemwo mu gihe amasezerano y'intizo yiwe yorangira mu mpera z'iri higanwa ry'uno mwaka. (Roma Press)

AC Milan irizigiye ko ishobora gushika ku masezerano y'ukuzana umusatirizi wa Suède Zlatan Ibrahimovic w'imyaka 38 muri uku kwezi kwa mbere. (Mail)

West Ham iriko irarondera ingene yogura umukinyi w'inyuma wa Espanye Unai Nunez w'imyaka 22 asanzwe akinira Athletic Bilbao. (AS in Spanish)

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Unai Nunez

Juan Sebastian Veron avuga ko ibiganiro bibandanya hagati y'umurwi Estudiantes na Andres Iniesta w'imyaka 35 (yahoze akinira Barcelona) ubu akina hagati mu murwi Vissel Kobe wo mu Buyapani kugira ngo ashobore kwimukira muri uyo murwi wo muri Argentine . (La Oral Deportivo, via Marca)

Umukuru w'umurwi Wolves Nuno Espirito Santo yahaye akaruhuko abakinyi biwe kugira babe kumwe n'imiryango yabo mu guhimbaza Noel imbere y'urukino rwo ku wa gatanu n'umurwi Manchester City. (FourFourTwo)

Chelsea yemerewe ko ishobora kugura umukinyi w'umunya Espoanye Isco w'imyaka 27 asanzwe akinira Real Madrid ku miliyoni 44 z'amapawundi. Ivyo vyoha akaryo Real Madrid gushobora kugura umukinyi wo hagati wa Tottenham, Christian Eriksen. (Mirror)

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Isco

Umukinyi w'inyuma wa Arsenal, umunya Bosnie-Herzegovine Sead Kolasinac w'imyaka 26 ariko araronderwa na Napoli hamwe na Roma. (Sky Sports)

Lyon iriko irarondera umukinyi wo hagati wa Atletico Madrid, umufaransa Thomas Lemar w'imyaka 24. (L'Equipe - in French)

Ibindi bisa n’ibi