Premier League: Ni nde azohagarika Liverpool?

Leicester 0 - Liverpool 4 Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Leicester 0 - Liverpool 4

Umurwi wa Liverpool waraye werekanye ko utarota urekura mu rugamba rw'uguharanira igikombe mw'ihiganwa ry'umupira w'amaguru mu Bwongereza, mu kwirahira Leicester ibitsindo bine vyose ku busa, mu gihe wari wayisanze ku kibuga cayo.

Uyo murwi wa Jurgen Klopp watanguye urukino uri imbere amanota cumi yose usumvya Leicester iri mu kibanza ca kabiri, mu gihe mbere ugisigaranye urundi rukino.

Liverpool yarerekanye urukino rukomeye cane ku buryo bigoye kwiyumvira ko itazoshobora gutahukana intsinzi y'iryo higanwa inyuma y'imyaka 30 yose ihaciye itazi ingene igikombe ca Premier League kimeze.

Mu gice ca mbere si ukuvuga ko Liverpool yerekanye ibintu bikomeye cane rwose, n'aho cagiye kurangira ifise igitsindo kimwe cinjijwe na Roberto Firmino ku munota wa 31, ku mupira yari ahawe na Trent Alexander-Arnold.

Ariko rero igice ca kabiri niho yagiye kwerekana ko yakenyeye zikaguma mu gutsinda ibitsindo bitatu vyose, urukino rurangira ari bine ku busa bwa Leicester.

Urukino rurangiye, umumenyereza wayo Jurgen Klopp yabwiye BBC ati: "Numva mfise umunezero udasanzwe, ndabona abahungu banje badafyinata. Twaronse imyanya yo kwinjiza kuva mu ntango y'urukino, ntitwashoboye kwinjiza ariko abakinyi baragumanye urukino mu maboko yabo".

"Igice ca kabiri gitanguye vyagomvye kutugora gato, ariko twaciye dufata urukino mu minwe, twinjiza igitsindo ca kabiri, kuva ubwo abahungu bakoze ibintu biteye ubwoba. N'ukuri vyari biryoshe cane".

Nayo ku ruhande rwa Leicester, umumenyereza wayo, Brendan Rodgers, aremeza ko vy'ukuri barushijwe.

Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Firmino yinjije ibitsindo bibiri

Ati: " Abakinyi baritanze uko bashoboye ariko vyaranse, twamaze igihe kirekire ducunga izamu ryacu. Liverpool yakinye neza cane n'ukuri, mbere ndayikeje".

"Nta mupira twashobora kugumana umwanya muremure. Iyo rero udashoboye kuwugumana uriko ukina n'umurwi ukomeye - umurwi urimu mirwi ikomeye kw'isi - n'ukuri birakugora".

Gushika ubu, mu nkino 18 zose imaze gukina, Liverpool imaze gutakaza amanota abiri gusa mu rukino rwayihuje na Manchester United ku wa 20 z'ukw'icumi, rwagiye kurangira imirwi yose inganaya igitsindo 1 kuri 1.

Liverpool niwo murwi wonyene gushika ubu utarigera utsindwa na rimwe kuva rino higanwa ritanguye mu kwezi kw'umunani.

Mw'ihiganwa ry'umwaka uheze, Liverpool yatakaje urukino rumwe rudende itsinzwe na Manchester City yatahukanye ikibanza ca mbere c'iryo higanwa ryagiye kurangira City irusha inota rimwe gusa Liverpool (98 kuri 97).