Pep Guardiola: Amahirwe Liverpool imaze kwiha ararengeye Man City

Pep Guardiola Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Manchester City mu mwaka uheze yatwaye Premier League ubugira kabiri yikurikiranya

Umumenyereza wa Manchester City, Pep Guardiola, avuga ko ivyo guhiganirwa igikombe ca Premier League vyaheze nyuma yo gutsindwa 3-2 na Wolves ejo kuwa gatanu.

City ni iya gatatu muri Premier League, ikaba irushwa na Liverpool ya mbere amanota 14 ikaba kandi iri inyuma ya Leicester City inota rimwe.

Abajijwe niba guhiganirwa igikombe vyaheze, Guardiola yabariye BBC Radio 5 Live ati: "Ubudasa bw'amanota ni bunini cane, rero ni ego".

City iramaze gutsindwa imikino itanu muri Premier League mu mahiganwa y'ubu, ukaba ari umukino umwe wiyongerako imaze gutsindwa ugereranije n'amahiganwa ya 2018-19.

Barusha Liverpool umikino umwe, kandi yoyo imaze gutakaza amanota abiri gusa mu mahiganwa y'ubu.

Kuva mu kwezi kwa gatatu Liverpool iramaze gutsinda imikino 26 mu mikino 27, ikaba isigaje imikino ibiri kugira imare umwaka wose idatsinzwe ku rwego rwo hejuru.

Guardiola yongeyeko ati "Kwoba ari nko kurota twiyumviriye Liverpool, ahubwo twiyumvira Leicester. Turafise amahirwe yo kuronka ikibanza ca kabiri. Ndazi ko ikipe yanje ishoboye, ariko ni uko bimeze."

Umukinyi akina mu mpande, Bernardo Silva yongeyeko ati: "Ni ukuri ibintu kuri twebwe bimeze nabi. Uyu mwaka watugendeye nabi cane. Nta n'umwe yaziga ko twari kwenurirwa na Liverpool nk'uku kandi ihiganwa rikiri hagati.

"Dutegerezwa kubandanya. Turazi yuko gutwara igikombe bigoye cane. Sinovuga ko bidashoboka ariko biragoye cane."

Ibindi bisa n’ibi