Harry Kane: Jose Morinho ati Tottenham 'ntishobora gukina neza ata musatirizi'

Jose Mourinho na Harry Kane Uwufise ububasha kw’isanamu Getty Images
Image caption Harry Kane azosubira mu kibuga mu kwa kane

Umumenyereza wa Tottenham, Jose Mourinho, avuga ko ata mukinyi ashobora gusubirira Harry Kane, kandi ko Tottenham idashobora gukina nk'uko isanzwe ikina atarimwo.

Ashikirije ivyo mu gihe umurwi wiwe witeze kwakira Liverpool mu rukino rukomeye cane rwo kuri uyu wa gatandatu ruza gutangura isaha imwe n'igice z'ijoro mu masaha y'u Burundi n'u Rwanda.

Uyo musatirizi wa Tottenham, Harry Kane, ntazosubira mu kibuga imbere y'ukwa kane uno mwaka, inyuma y'aho abagiwe kubera imvune yo kw'itako.

Uyo musatirizi wa Tot ariwe kandi kizigenza w'u Bwongereza amaze gutsinda ibitsindo 27 mu nkino amaze gukinira Tottenham n'umurwi nserukiragihugu muri uno mwaka w'inkino.

Morihno ati: "Ngize ngo mvuge menshi kuri Harry, bintera umubabaro mwinshi".

"Vyombera vyiza tuganiriye ku vyotuma ntwenga".

Kane yagize iyo mvune mu rukino rwayihuje na Southampton, urukino mbere yatsinzwe, hari ku munsi wa Bonane.

Morinho ati: "Ico womenya coco, ni uko tudashobora gukina nk'uko dusanzwe dukina iyo Harry Kane ari kumwe natwe".

"Nta mukinyi n'umwe ariho yofata ikibanza ciwe".

Danny Rose yaragarutse mu myimenyerezo, eka na Hugo Lloris na we nyene akaba ariko agaruka buke buke inyuma y'aho avunikiye inkokora mu kw'icumi kw'umwaka urangiye.

Hagati aho, ibintu ntibitomoretse neza kuri kazoza k'umukinyi wo hagati, Christian Eriksen, mu gihe amasezerano yiwe n'uyo murwi azorangira mu mpera za rino higanwa ry'uno mwaka.

Morinho avuga ati: "Ari nka hamwe umukuru w'umurwi [Daniel Levy] yotorera umuti ibi bibazo kugira ngo dushobore kuvyitwaramwo neza mu mezi ari imbere, ni ukuri vyoba vyiza".

"Atari uko, twotegerezwa kurindira gushika mu ci kugira dutegure neza ikipe".