Ihiganwa rya mbere rya Basketball Africa League ryasibijwe muri Senegal kubera coronavirus

Ikiranga Basketball Africa League
Insiguro y'isanamu,

Basketball Africa League ni ihiganwa rishasha NBA yafashije gutanguza

Intango y'ihiganwa ku nshuro ya mbere rya Basketball Africa League (BAL) yasibijwe kubera ubwoba bw'ikiza ca coronavirus.

Ihiganwa rya mbere rya BAL ryagomba gutangura ku murwa mukuru wa Senegal, Dakar, itariki 13 z'ukwa gatatu, kandi nta tariki nshasha yatanzwe.

Iri higanwa rishasha ry'ababigize umwuga, ryavutse ku gufashanya hagati y'ishirahamwe mpuzamakungu rya basketball, International Basketball Federation, na NBA ryagomba kwitabirwa n'amakipe 12 yo muri Afrika.

Umukuru wa BAL, Amadou Gallo Fall yagize ati: "Twisunze impanuro za leta ya Senegal mu bijanye n'umwitwarariko utewe n'ugukwiragira kw'ikiza ca coronavirus, inkino zitanguza ihiganwa BAL zigijwe inyuma.

"Birambabaje kuba tudashoboye gutanguza iri higanwa ry'amateka nk'uko twari twabiteguye ariko turindiranye igishika ko BAL itangura ku tariki izoza hanyuma."

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Umuyobozi wa Basketball Africa League, Amadou Gallo Fall, avuga ko vyamubabaje

Abateguye ihiganwa bavuga ko umutekano w'abafana, abakinyi, amakipe hamwe n'abakozi ari kirumara cane kandi ko bazovyihweza neza imbere y'uko batangaza iyindi tariki mu minsi iri imbere.

Gushika isaha 08:00 ku masaha mpuzamakungu ya GMT, hari hamaze kwemezwa abantu babiri banduye coronavirus muri Senegal.

Inkino hirya no hino kw'isi zarahuye n'ibibazo kubera coronavirus, ariko BAL ibaye ihiganwa rya mbere rikomeye muri Afrika ryigijwe inyuma kubera iki kiza.

Kubuzwa guhana amaboko

Ahandi, ishirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Tanzania, TFF, ryabujije abakinyi guhana amaboko imbere y'uko inkino zitangura.

Ahavuye isanamu, State House Tanzania

Insiguro y'isanamu,

Perezida Magufuli (i buryo) asuhuzanya akoresheje ikirenge n'umunyapolitiki atavuga rumwe n'ubutegetsi

TFF ivuga ko iriko irakurikiza impanuro z'ubushikiranganji bujejwe amagara zo kwirinda guhana amaboko mu ntumbero yo kubuza iki kiza gukwiragira mu gihugu.

Kuwa kabiri, haragaragaye amafoto yerekana umukuru w'igihugu ca Tanzania John Magufuli akozanyako ibirenge mu kuramukanya n'uwundi munyepolisi hako bohanye ibiganza.

Ntawanduye coronavirus araboneka muri Tanzania gushika ubu, mu gihe abakekwa bose basanze atayo bafise nyuma yo gupimwa.