Ayavugwa mu mupira w'amaguru kuri uyu wa Mungu: Kane, Rodgers, Mourinho, Haaland, Toney

Harry Kane
Insiguro y'isanamu,

Harry Kane

Mauricio Pochettino arashaka cane gukorana n'umusatirizi wa Tottenham n'umurwi nserukiragihugu w'Ubwongereza, Harry Kane w'imyaka 27 muri Paris St-Germain mu gihe Kylian Mbappe w'imyaka 22 canke mugenziwe bakinana, umunya Brezili Neymar w'imyaka 29 bova muri uyu murwi w'Ubufaransa mu ci riza. (Sunday Mirror)

Umumenyereza wa Leicester, Brendan Rodgers niwe ari imbere mu bantu bashobora kuzosubirira Jose Mourinho nk'umumenyereza wa Tottenham - mu myaka hafi icenda amaze akora iki gikorwa. (Football Insider)

Insiguro y'isanamu,

Brendan Rodgers

Umusatirizi wa Borussia Dortmund, umunya Norvege Erling Braut Haaland w'imyaka 20 ariko asaba imirwi imwipfuza mu ci riza amasezerano y'imyaka itanu azomwinjiriza imiriyoni zirenga 109 z'amadorari y'abanyamerika. (Sunday Mirror)

Barcelona yamaze gutegura urutonde rw'abo ishobora gutoramwo umusatirizi, harimwo Haaland hamwe n'umusatirizi wa Manchester City na Argentina, Sergio Aguero w'imyaka 32. (Mundo Deportivo)

Leicester iriko iraraba ingene mu ci riza yogura umusatirizi akomeye, umwongereza Ivan Toney w'imyaka 24 asanzwe akinira umurwi Brentford wo mu cicaro ca kabiri mu Bwongereza. (Sunday Mirror)

Insiguro y'isanamu,

Ivan Toney

Arsenal yashize umunya cote d'Ivoire Odilon Kossounou w'imyaka 20 akina hagati mu murwi Club Bruges wo mu Bubirigi ku rutonde rw'abakinyi nyamukuru ishobora kurondera mu ci riza. (Sunday Mirror)

Eka na Wolves nayo nyene iriko irihweza ingene yoshobora kugura uyu mukinyi afise igiciro kigera ku miriyoni 28 z'amadorari y'abanyamerika. (Sun)

Insiguro y'isanamu,

Odilon Kossounou

Tottenham yiteze kuba mu mirwi iriko irarondera umukinyi wo hagati wa RB Leipzig umunya Autriche Marcel Sabitzer w'imyaka 26 mu ci riza. (Team Talk)

Umukinyi w'inyuma wa Brighton, umwongereza Ben White w'imyaka 23 abandanya akurikiranirwa hagufi na Liverpool, kugira irabe ko yomugura mu kiringo c'igura n'igurisha ry'abakinyi mu ci riza. (Football Insider)

Insiguro y'isanamu,

Jarrad Branthwaite

Manchester United iriko ikurikiranira hagufi umukiny w'inyuma wa Everton umwongereza Jarrad Branthwaite w'imyaka 18 asanzwe yaratijijwe muri Blackburn. (Mail on Sunday)

Manchester United ntiravugana n'abaserukira umukinyi w'inyuma wa Real Madrid na Esupanye, Sergio Ramos w'imyaka 34 azorangiza amasezerano yiwe mu ci riza akaba ashobora kuja gukinira umurwi uwo ari wo wose ku buntu. (Fabrizio Romano, via Caught Offside)

Insiguro y'isanamu,

Sergio Ramos

Umukinyi wo hagati wa Newcastle United, umwongereza Kyle Scott w'imyaka 23 ari mu biganiro, kandi bigeze kure, kugira ngo ashobore kwimukira burundu mu murwi FC Cincinnati ukina mw'ihiganwa ryo muir Reta Zunze Ubumwe za Amerika (Football Insider)

Umukinyi w'umudagi Max Kruse w'imyaka 32 ubu asanzwe akinira umurwi Union Berlin, avuga ko yahatswe kwimukira muri Liverpool mu ci ryo mu 2019 imbere y'uko Divock Origi avyifatamwo neza cane mw'ihiganwa rya Buraya (Champions League) bigatuma Jurgen Klopp ahindura imigambi yari afise. (Der Kickbase podcast, via Mail Online)

Umuyobozi nshingwabikorwa wa Brighton Paul Barber asaba abarongoye umupira w'amaguru gukora ivyo bashoboye vyose bakihweza nimba gutera umupira n'umutwe vyoba bifise ingaruka mbi mu buzima bwo muri kazoza k'umuntu. (Argus)