Champions League: Ivyabaye 2018 hagati ya Liverpool na Real Madrid bihava bisubira?

Sergio Ramos na Mohamed Salah

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Sergio Ramos yaravunitse, vyumvikana ko ataza gukina uru rukino rwo mu gice ca kane gishira ica nyuma Real Madrid ihura na Liverpool

Kuri uyu wa kabiri 06/04/2021, inkino za mbere z'igice ca kane gishira ica nyuma mw'ihiganwa rihuza imirwi yabaye iya mbere (Champions League) ku mugabane wa Buraya niho ziza gutangura zikazobandanya ejo, inkino ziboneka ko ziza kuba zikomeye.

Imirwi iva mu bihugu bitanu gusa ni yo yiziziye iki gice, ni ukuvuga imirwi yo mu Bwongereza (Liverpool, Manchester City na Chelsea), Espanye (Real Madrid), Ubudagi (Bayern Munich, Dortmund), Uburafansa (Paris Saint-Germain), hamwe na Portugal (FC Porto).

Inkino zigira kabiri zizokinwa mu ndwi iza.

Mu gihe Real Madrid igiye guhura na Liverpool ubwa mbere kuva mu 2018 kuva iyi mirwi ihuriye mu rukino rwa nyuma rwagiye gutsindwa na Real Madrid, hari ikintu kimwe ntibagirwa cagumye mu mitwe y'abakunzi ba Liverpool.

N'aho umwaka wakurikiye wa 2019 Liverpool yatsindiye iri higanwa, umwaka ukurikira 2020 nawo igatsindira ihiganwa ry'Ubwongereza (Premier League), hari agashavu katarigera kava mu mitwe y'abafana ba Liverpool bibutse ingene urukino rwa nyuma rwa Champions League 2018 na Real Madrid rwagenze.

Mu mpera z'umwaka wa mbere yari amaze akinira Liverpool aho yerekanye ubuhinga budasanzwe, Mohamed Salah yakinye iminota itarenga 30 yonyene aca ava mu kibuga akorora amosozi inyuma yo kuvunika ku rutugu ariko arwanira umupira na Sergio Ramos.

Abakunzi ba Liverpool barababaye cane kuko babona ko bari gushobora gutsinda urwo rukino maze bagatahukana igikombe.

Urukino rwagiye kurangira Real itsinze 3-1 ibifashijwemwo n'amakosa abiri y'umunyegori Loris Karius, Gareth Bale atsinda bibiri ikindi kimwe cinjizwa na Karim Benzema. Ica Liverpool cinjizwa na Sadio Mané.

Kuva iyo mirwi ihuriye muri uru rukino rwagenze uko rwagenze, Liverpool na Real Madrid ntiyahindutse cane kuko abakinyi icenda muri buri murwi bakinye urwo rukino bakiri muri yo. Gusa, batatu mu bakinyi bakomeye si ho baza kuba bari mu rukino rwo kuri uyu wa kabiri.

Ramos si ho aza kuba ari ngo yongere avune Salah, Bale si ho aza kuba ari ngo asubire atsinde ibindi bitsindo bibiri, eka na Karius si ho aza kuba ari ngo asubire yihende ahereze umupira Benzema ngo amwinjize igitsindo.

Ramos yaravunitse, abo babiri nabo bakina mu yindi mirwi batijijwemwo.

None biragenda gute? Ni kuva isaha zitatu z'ijoro mu masaha yo mu Burundi no mu Rwanda.

Urundi rukino rutegekanijwe ni uruza guhuza Manchester City yo mu Bwongereza na Borussia Dortmund yo mu Budagi.

Ejo ku wa gatatu, Bayern Munich izohura na Paris St-Germain,nayo FC Porto ihure na Chelsea.