Real Madrid 3-1 Liverpool: Jurgen Klopp ati 'Twaborohereje cane'

Vinicius Junior wa Real Madrid

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Ku myaka 20 gusa, Vinicius Junior ni we musatirizi wa kabiri akiri muto yinjirije ibitsindo Real Madrid mu rukino rwo gukuranamwo rwa Champions League, inyuma ya Raul mu kwa gatatu 1996 igihe uyu murwi wahura na Juventus akaba yari afise imyaka 18.

Umumenyereza wa Liverpool Jurgen Klopp avuga ko uyu murwi "worohereje cane" Real Madrid bituma utsindwa muri runo rukino rwa mbere rw'igice ca kane gishira ica nyuma.

Hagati aho, avuga ko igitsindo ca Mohamed Salah giha agahengwe Liverpool mu rukino rwo gusubiriza rutegekanijwe mu ndwi iza kuri Anfield, ikibuga ca Liverpool.

N'aho itari ifise umukinyi wayo w'inyuma, Sergio Ramos, Real Madrid yaravyifashemwo neza cane kubera ubuhinga bw'abasatirizi bayo.

Igice ca mbere c'uru rukino ni co cabaye inkorabara kuri Liverpool, igihe Vinicius Junior yinjirije igitsindo ku mupira yahawe na Tony Kroos awutereye kure cane, Marco Asensio nawe akinjiza ica kabiri kw'ikosa ryakozwe n'umukinyi w'inyuma Trent Alexander-Arnold.

Liverpool yarinanase mu gice ca kabiri, maze Mohamed Salah atsinda igitsindo kimwe rudende cagaruye icizere.

Hagati aho, hasigaye iminota 25 ngo urukino rurangire, wa wundi nyene yinjiza ica mbere, Vinicius, yateye ica kabiri, ibizotuma ibintu bitoroha mu rukino rwo ku wa 14 z'uku kwa kane ku kibuga ca Anfield, ruzokinwa ata bafana bari mu kibuga ngo batere intege Liverpool.

Ahavuye isanamu, PA Media

Mu kiganiro na televiziyo BT Sport yo mu Bwongereza, Klopp yavuze ati: "Ushaka gukina igice ca kabiri [demi-finale], utegerezwa kurondera uburenganzira bwo gushikayo. Twananiwe, cane cane mu gice ca mbere c'urukino".

"Ntitwakinye neza nk'uko twategerezwa kugira ngo dusatire Real Madrid. Twaborohereje cane".

"Ikintu kimwe conyene novuga, turetse igitsindo twaronse, ni uko uru rukino ari igice ca mbere. Nta kintu kinini twari twiteze ariko kirya gitsindo kiraduha icizere".

Ku wa gatandatu w'indwi iheze, mu mukino wa Premier League, Liverpool yaranyagiye umurwi wa Arsenal 3-0, mu rukino bamwe babona ko ari icemezo ko yasubiranye itoto inyuma y'igihe ibintu bitameze neza.

Ariko urukino rwa nijoro, rwarerekanye ko ataho irashika kuko yarushijwe bimwe biboneka, aho vyabonetse ko batakaza umupira cane basatiriwe na Real.

Igitsindo ca Salah catanze umwizero ko kumbure Liverpool yashobora kuronka n'ibindi, igatsinda urukino canke ikanganya, ariko vyaranse.

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Igitsindo ca Salah carateye intege abakinyi ba Liverpool ariko ntibashoboye kugumana inguvu bariko barerekana

Skip Podcast and continue reading
Podcast
Ikiganiro cy’abagore

Ikiganiro cy’abagore kuri BBC Gahuzamiryango

Inkurikirane

End of Podcast

Igitsindo ca gatatu ca Real caravyumyuye, kuko caciye intege Liverpool itegerezwa gukora ibishoboka vyose kugira ngo ifate ibintu mu minwe mu rukino rwo mu ndwi iza.

Kugira ngo izoshobore kubandanya mu gice ca kabiri, ni uko Liverpool izokwerekana inguvu zidasanzwe nk'izo yekeranye mu 2019, igihe yirahira Barcelona mu gice ca kabiri gishira ica nyuma, igakurayo ibitsindo bitatu vyose ku busa yari yatewe mu rukino rwa mbere, ikaninjiza ica kane, maze Barcelona iba irasezeye ihiganwa mu vyo itari yiteze.

Ariko ni ibintu bitazoba vyoroshe na gato, na rirya Real Madrid itarigera itsindwa na rimwe kuva mu kwa mbere, ikaba ifise n'uyu mumenyereza Zinedine Zidane amenyereye cane iri higanwa rya Champions League, abatari bake bibuka ko hagati ya 2016 na 2018 yatsindiye iri higanwa incuro zitatu yikurikiranya.

Kandi noneho Real yaraye yerekanye ko ari umurwi utoroshe n'aho abakinyi b'inyuma bayo babiri batarimwo, ari bo Sergio Ramos yavunitse, hamwe na Raphaël Varane aherutse kwandura ca kiza ca Covid-19, n'aho na Liverpool ibuze ivyugazo vyayo Virgil van Dijk na Joe Gomez.