Ayavugwa mu mupira w'amaguru: Ronaldo, Mbappe, Kane, Kounde, Traore, Aubameyang

Cristiano Ronaldo

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Cristiano Ronaldo

Manchester City yashitse ku masezerano na Juventus yo kugura umukinyi Cristiano Ronaldo, 36. (AS - in Spanish)

Juventus ishaka imiriyoni hagati ya 25-30 z'ama euros kuri Ronaldo, City ikaba yiteze kumuha amasezerano y'imyaka ibiri. (Guardian)

Uwu murwi wo mu Butaliyano wagumye wipfuza kugumana Ronaldo ariko ubu ukaba wipfuza kugura umusatirizi wa City umunya Brésil Gabriel Jesus, 24, kugira ngo amusubirire.(Sky Sports)

Ronaldo asaba umushahara wa 510.000 vy'amapawundi (yababa 698.000) ku ndwi kugira yinjire muri City, ivyomutuma aba umukinyi wa mbere ahembwa umushahara munini muri uwo murwi, ibi na vyo bigashobora gutera agashavu abandi bakinyi. (Sun)

Juventus iripfuza gusubirana nk'intizo umusatirizi w'umutaliyano Moise Kean w'imyaka 21 ubu akina muri Everton, ariko ikaronka n'akaryo ko gushobora kumugura burundu mu ci riza. (Calciomercato in Italian)

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Moise Kean

Liverpool iriko irihweza ingene yogura umukinyi wo hagati wa Brighton umunya Mali Yves Bissouma, 24, ku miriyoni zababa 55. (Express)

Wolverhampton Wanderers irarahira ikarengwa ko idashobora gutiza Tottenham Hotspur umukinyi wo ku ruhande w'umunya Espagne Adama Traore, 25, kubera ikeneye kumugumana. (Telegraph)

West Ham United iriko irarondera umusatirizi wa CSKA Moscow umunya Croatia Nikola Vlasic, 23, mu gihe ikeneye uwosubirira umukinyi wo hagati wa Manchester United umwongereza Jesse Lingard. (Sky Sports)

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Nikola Vlasic

Watford watanguye ibiganiro na Tottenham kugira irabe ko yoronka umukinyi wo hagati umufaransa Moussa Sissoko, 32. (Fabrizio Romano)

Paris St-Germain iriko irarondera abakinyi batari bake, harimwo umukinyi wo hagati wa Manchester United umufaransa Paul Pogba, 28, hamwe n'umusatirizi wa Borussia Dortmund umunya Norvège Erling Braut Haaland, 21, mu gihe iriko yitegurira ihiganwa ry'uno mwaka idafise Kylian Mbappe. (L'Equipe, via Mail)

Real Madrid yongereje igiciro ishaka gutanga ku musatirizi wa PSG Mbappe, 22 gushika ku miriyoni zababa 199 z'amadorari y'abanyamerika, inyuma y'aho aya mbere yababa n'imiriyoni zababa 188 bayankiye. (Sky Sports)

PSG ishobora guca irondera umusatirizi wa Everton umunya Brésil Richarlison mu gihe Mbappe yogenda, ni mu gihe abaserukizi b'uyu mukinyi bamaze gushika i Paris mu biganiro. (ESPN Brazil - in Portuguese)

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Richarlison

Manchester United vyaranse ko ironka umukinyi wo ku ruhande w'umwongereza Noni Madueke w'imyaka 19, inyuma y'aho atereye igikumu ku yandi masezerano na PSV Eindhoven. (Mirror)

Kizigenza wa Tottenham umwongereza Harry Keane ari mu biganiro vyo kurondera amasezerano yoronkamwo akarusho. Uyu musatirizi w'imyaka 28 yiteze kuronka aya masezerano ashobora kumutuma ahembwa amapawundi 400.000 (mu madorari akaba yababa 548.346) ku ndwi, inyuma y'aho yemereye kuguma muri uyo murwi muri uno mwaka. (Times - subscription required)

Chelsea iri hafi yo kuronka umukinyi w'inyuma wa Sevilla umufaransa Jules Kounde, 22, ku giciro kingana n'imiriyoni 57.5 z'amadorari y'abanyamerika. (Sky Italia, via Star)

Hagati aho, umukinyi w'inyuma wa Chelsea umufaransa Kurt Zouma, 26, yitezwe gufatwa ibipimo vyo kwa muganga kugira aje gukinira West Ham mu masezerano y'imyaka itanu, ku giciro c'imiriyoni 35.6 z'amadorari y'abanyamerika. (Sun)

Insiguro y'isanamu,

Kurt Zouma

Tottenham yatanguye ibiganiro vyo kurondera umukinyi wo hagati wa Juventus umunyamerika Weston McKennie, 22 ku giciro c'imiriyoni 54.8 z'amadorari y'abanyamerika. (Independent)

Umumenyereza wa Arsenal Mikel Arteta yamiriye kure ivy'uko kizigenza wayo, umusatirizi w'umunya Gabon Pierre-Emerick Aubameyang ashobora gusezera uyu murwi. (ESPN)

Everton iripfuza umusatirizi wa Brighton umufaransa Neal Maupay w'imyaka 25. (Sky Sports)

Manchester United ishobora kurondera umukinyi wo hagati imbere y'uko ikiringo c'igura n'igurishwa kirangira, ariko bigashobora kuba ngombwa ko irindira kugira irabe ko yoronka umwongereza Declan Rice, 22 akinira West Ham. (Independent)