Ihiganwa rya Diamond League: Francine Niyonsaba yatsinze mu kwiruka imetero 5000

Francine Niyonsaba yigina intsinzi i Zurich mu gusiganwa imetero 5000

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Francine Niyonsaba yigina intsinzi i Zurich mu gusiganwa imetero 5000

Umurundikazi Francine Niyonsaba yavuze ati " nakoze ivyo nategerezwa gukora" aho amariye kurusha mukeba wiwe umunya-Kenya Hellen Obiri agatahukana intsinzi ku metero 5.000 mu gice ca nyuma c'ihiganwa rya Diamond League cabereye i Zurich mu Buswisi.

Francine , w'imyaka 28, yakuwe mw'ihiganwa kuri izo metero mu nkino za Olympic za Tokyo ahejeje igice ca mbere, yerekanye inguvu nyinshi mu kwiruka imetero za nyuma, aca arangiza ku minota 14:28.98.

Ubundi Niyonsaba yahora yiruka imetero 800, yahinduye kubera amategeko mashasha ajanye n'urugero rw'inkabuzo ya testosterone yashizweho kuva mu 2018.

Yavuze ati : "Ndaciga kuva mpinduye, nakoze ico nategerezwa gukora".

Ku ntsinzi amaze iminsi atahana, ari mu banonotsi bo kwubaha ku metero 5.000.

Ahejeje gutsinda uwufise umuhigo w'isi akagira n'umudari w'ifeza muri Olympic, Obiri, Francine Niyonsaba yavuze ati: "Si nkiri uwo ku metero 800, ubu ndi uwo ku metero nyinshi.

"Igihe twariko turiruka namaze umwanya munini ndi inyuma , yari imikenyuro yanje. Mfise inguvu nyinshi zo kwivyukiranya hamwe n'ishaka ryinshi."

Bamubajije ico yokora hamwe urwego ruraba inkino z'ubunonotsi rwokwagura ibirere (distance) birabwa n'amategeko yarwo atavugwako rumwe, Niyonsaba yavuze atebura (atwenza) ko yiteguriye gusubira guhindura.

"Nshobora kuja muri pole vault (saut à la perche) canke high jump ( gusimba urukiramende)."

Francine mu bisanzwe yari amaze kuba rurangiranwa kw'isi mu gusiganwa imetero 800, akaba mbere yaranatsindiye umudari w'ifeza mu nkino Olempike za Rio 2016.

Ariko urwego rujejwe kunonora imitsi kw'isi rwaramubujije gusiganwa ku metero ziri munsi y'2000 ruvuga yuko imisemburo yaremanywe ya kigabo iri ku rwego ruri hejuru rudasanzwe mu bagore, gutyo ngo bikaba bimuha amahirwe y'ikirenga.

Guhagarikwa gusiganwa mu metero 800 vyaramubabaje cane, ariko ntiyacitse intege akaba yarabandanije gukorana ubwira ku buryo ubu umuntu yovuga ko ibikorwa vyiwe bitanguye gutanga umwimbu.

Nagarutse kugira nteze imbere inkino

Francine Niyonsaba avuga ko abandanya amahiganwa kugira afashe guteza imbere inkino kugira ngo n'abandi bamwigireko.

Uyu munonotsi w'umurundikazi Niyonsaba, w'imyaka 28, ni umwe mu banonotsi batari bake babujijwe guhiganwa ku metero ziri hagati ya 400 na 1600 kubera urugero rw'inkabuzo (umusemburo) ya testosterone ruri hejuru.

Inyuma y'umudari w'ifeza kw'isi no muri Olempike ku metero 800, Niyonsaba aza ku mwanya ugira kane kw'isi muri uno mwaka ku metero 5000 mu rwego rw'abagore.

Avuga ku vyerekeye uku guhindurirwa, yagize ati: "Ubuzima ntibwanyoroheye ariko kandi ndakunda guhiganwa n'abandi. Narahanganye navyo n'ishaka ryinshi n'ukudacika intege".

"Nta n'umwe yambaye hafi canke yipfuza kumbera umumenyereza mu kuva ku metero nkeya nja kuri nyinshi. Nta n'umwe yari yizeye ko nobishobora ariko jewe ubwanje nariyumvisemwo ko nobishobora".

"Ndashobora kuvuga ko nagarutse kugira nteze imbere inkino nongere mbere akarorero abandi. Ndanezerewe cane".

Ahavuye isanamu, Getty Images

Insiguro y'isanamu,

Aba bakobwa/bagore batatu bose batsindiye imidari mu nkino za Rio mu 2016 ku metero 800 - (i bubamfu uja i buryo) Francine Niyonsaba, Caster Semenya n'umukenyakazi Margaret Wambui - bategetswe guhindura intera bahiganwako biturutse ku mategeko mashasha agenga urugero rw'inkabuzo testosterone ku bagore bahiganwa

Niyonsaba ni umwe mu murwi w'abanonotsi bategetswe guhindura ibisata bahiganwamwo ku ngingo yafashwe n'urwego mpuzamakungu rujejwe inkino zo kwinonora imitsi mu 2019.

Umunya-Afrika y'Epfo amaze gutahukana imidari itari mike kw'isi no mu nkino za Olempike ku metero 800, Caster Semenya, yarabuze uburenganzira bwo kuja mu nkino za Olempike ziheruka inyuma y'uko yimukiye ku ntera ndende.

Umuyabaga w'umunya-Namibia Christine Mboma yatahukanye umudari w'ifeza ku metero 200 i Tokyo inyuma y'aho ategekewe kuva ku ntera y'imetero 400 yakunda cane, hasigaye indwi ziri ku rushi kugira ngo izo nkino zitangure.

Niyonsaba abaye mu bihe vyiza cane mu mpera z'iri higanwa rya Diamond League, inyuma y'aho mu nkino za Olempike ahejeje ari uwa gatanu ku metero 10.000, akanakurwa mw'ihiganwa ku metero 5000 yagirizwa ko yaciye mu nzira itari rwiwe.

Yabaye umukobwa agize gatanu yiruka cane mu bihe vyose ku metero 3000 mu mahiganwa yabereye i Paris mu mpera z'ukwa munani, yongera akubita hasi umukenyakazi yari uwa mbere kw'isi Hellen Obiri ku metero 5000 mu ndwi iheze i Buruseri (Bruxelles/Brussels) mu Bubirigi.