Sergio Aguero: Uyu yahoze ari umusatirizi wa Barcelona na Man City arakukurutse

Ahavuye isanamu, Getty Images
Umukuru wa Barcelona Joan Laporta yahojeje Aguero mu gihe yaremesha ico kiganiro n'abamenyeshamakuru
Sergio Aguero avuga ko yishimiye ivyo yashitseko mu mupira w'amaguru inyuma yo kwemera gufata iyi "ngingo igoye cane" yo gusezera muri uru rukino kubera ikibazo c'umutima.
Kuri uyu wa gatatu, uyu musatirizi w'imyaka 33 yarize igihe yatangaza iyi nkuru, hari haciye amezi atarenga atandatu yinjiye muri Barcelona.
Mu rukino rwiwe rwa nyuma ku wa 30 z'ukwa cumi rwarangiye Barca inganya na Alaves 1-1, yavanywe mu kibuka ajanwa mu bitaro inyuma y'aho agiriye "ibibazo vyo mu gikiriza".
Aguero ati: "Iyi ngingo mfashe, ndayifashe bivuye ku bibazo vy'amagara".
Umumenyereza wa Manchester City Pep Guardiola ni umwe mu bantu bake bariko bakurikirana Aguero igihe atangaza iyi nkuru hafi y'ikibuga ca Barcelona, Nou Camp.
Inyuma y'ibitsindo 427 yinjije mu nkino 786, Aguero vyamufashe umwanya kugira fiyate mu marira yari afise imbere y'uko atangura ikiganiro, hanyuma avuga ati: "Iki kiganiro ni ico kumenyesha ko nafashe ingingo yo guhagarika gukina umupira w'amaguru. Ni igihe kitoroshe.
"Igihe bampima ubwa mbere kwa muganga, abaganga barampamagaye bambwira ko bishoboka cane ko ntazoshobora kubandanya nkina. Kuva ico gihe, naciye ntangura kwitegura ariko ntivyari vyoroshe. Umwe mu baganga yarambwiye amenya ati 'aho birarangiye'.
"Ndashaka kubwira bose ko nakoze ibishoboka vyose. Natanguye kugira indoto zo gukina football mfise imyaka itanu nkaba ari ho natanguriye gukora ku mupira. Sinibaza ko nari gushika i Bulaya, rero nashaka gushimira cane uwo ari we wese ntaravye aho nakoreye imyimenyerezo.
"Ndishimira ivyo nashitseko kandi ni igihamana ciza kubona ibi bimbayeko ubu bitambayeko imbere y'aha. Sinzi ikindindiriye mu buzima bw'imbere, ariko ndazi ko hari abantu benshi bankunda kandi banyipfuriza ineza".
Asize izina muri Premier League
Ahavuye isanamu, Getty Images
N'aho igihe amaze muri Barcelona kitamwereye, nta nkeka ko yabaye umwe mu basatirizi b'ibihangange mu kinjana ca 21.
Yatanguriye mu murwi witwa Independiente wo muri Argentina, mu nyuma yimukira muri Atletico Madrid, aho yatsindiye ihiganwa rya Europa League mu 2010, yongera yinjiza ibitsindo 101 mu nkino 234.
Ibi vyateye amero menshi Manchester City yahavuye itanga imiriyoni hafi 50 z'amadorari y'abanyamerika kugira imuzane i Etihad Stadium (ikibuga ca Man City).
Kuva ico gihe, yanditse izina mu murwi no mw'ihiganwa Premier League mu kiringo c'imyaka cumi yose yamaze mu Bwongereza.
Aguero yavuye muri City mu ci riheze ari we mukinyi wa mbere yinjije ibitsindo vyinshi gusumba abandi bose, aho yinjije ibitsindo 260 mu nkino 390, harimwo 16 yatsinzemwo bitatu bitatu (ibizwi nka hat-tricks).
Ni we mukinyi wa mbere mvamahanga muri Premier League yinjije ibitsindo vyinshi bigera kuri 184, akaba asumvya umufaransa Thierry Henry wa Arsenal ibitsindo icenda.
Abahoze ari abasatirizi Alan Shearer (260), Wayne Rooney (208) na Andrew Cole (187) ni bo bazwi ko bamaze gutsinda ibitsindo vyinshi muri iri higanwa.
Ariko nta n'umwe muri bo anganya na Aguero urugero rw'iminota yinjirizako ibitsindo muri Premier League. Ibiharuro vyerekana ko yagiye yinjiza igitsindo uko iminota 107.9 iheze. Akurikirwa na Thierry Henry, aho azwi ko yinjije igitsindo uko iminota 121.8 iheze.
Uyu munya Argentina kandi aribukwa cane muri Premier League mu mwaka w'inkino wa 2011-2012, igihe yinjiza igitsindo mu misegonda ya nyuma mu rukino rwa nyuma rwa Premier League catumye Manchester City itsinda umurwi Queens Park Rangers, gica kiyiha igikombe ca mbere ca Premier League kuva mu 1968, igikombe yatwaye isumbije ibitsindo gusa umukeba wayo ruhebwa, Manchester United.
Kuva ico gihe, Aguero yatsindiye ibikombe bitanu vya Premier League, igikombe kimwe ca FA, hamwe n'ibindi bitandatu vya League Cups muri ico gihe cose yamaze mu Bwongereza.
Arangije mu buryo bubabaje muri Barcelona
Ubugenzi budasanzwe Aguero yari afitaniye na Lionel Messi bwamutumye agira umunezero udasanzwe igihe yemererwa kuva muri Manchester City.
Yari yashoboye kwereka umumenyereza wa City Pep Guardiola ko ari igihangange, na rirya mu ntango yari afise amakenga ko uyu musatirizi atari gushobora kujana n'ubuhinga yari azanye mu murwi, n'aho imvune zamubereye inzitizi mu mwaka wa nyuma i Etihad Stadium.
Ariko, kuva yimukiye muri Barcelona ibintu vyatanguye nabi cane. Ibibazo vy'amafaranga vyari bihanze uyu murwi vyasigura ko wari ufise ingorane zo kudashobora kwakira abandi bakinyi, harimwo mbere na Aguero.
Ni ibi bibazo nyene vyanatumye Messi asezera uyu murwi akimukira muri Paris St-Germain.
Aguero amaze kwakirwa, yagize ibibazo vyo ku nyama ya kibizi, bituma adahonyoza ikirenge mu kibuga gushika mu kwezi kw'icumi.
Ahavuye isanamu, Getty Images
Sergio Aguero yarize umwanya utari muto imbere yo gutangura ikiganiro
Igihe Barcelona itsindirwa ku kibuga cayo n'umukeba wayo ruhebwa, Real Madrid, Aguero yagiye kwinjiza igitsindo kimwe co kwihanagura amosozi ku munota wa nyuma, aha hari ku wa 24 z'ukwa cumi, haciye imisi itatu abona gutanguzwa mu kibuga.
Ariko igihe Barcelona ihura na Alaves ku wa 30 z'ukwa cumi, Aguero yavanywe mu kibuga mbere biba ngombwa ko akorerwa "ibipimo vy'umutima", akaba yavuze ko yategerezwa gukurikiza impanuro y'abaganga ku bijanye na kazoza kiwe.
Yavuze ko yategerezwa kumara imisi 90 ataco akora kugira arabe ingene bizomugendera, ico gihe hakaba hari amakuru yavuga ko bamusanganye ingorane z'umutima watera nabi, ibizwi nka arythmie cardiaque/cardiac arrhythmia.
Gusa ingingo yiwe yitezwe gutangazwa muri ino ndwi, ishitse imbere y'igihe.
Urukino rwa nyuma yakiniye umurwi nserukiragihugu wa Argentina, La Albiceleste, ni urwa Copa America, aho yinjiye asubiriye uwundi mukinyi, hari mu gice ca kane gishira ica nyuma, Argentina ikaba yatsinze Ecuador/Equateur, biyituma ibandanya gushika itsindire iki gikombe, ubwa mbere inyuma y'imyaka 28 yose.