Ayavugwa mu mupira w'amaguru : Alli, Pogba, Martial, Lingard, Milenkovic, Vlahovic, Castellanos

Ahavuye isanamu, Getty Images
Paul Pogba
Newcastle yatanguye kubaza nimba yoshobora kuronka Dele Alli, kandi Tottenham iriteguye kwumviriza umurwi woza urondera uyu mukinyi wo hagati w'imyaka 25. (Teamtalk)
Manchester United iriko irarondera abakinyi bo hagati bashobora gusubirira umufaransa Paul Pogba, 28, biboneka ko azosezera uyu murwi mu gihe amasezerano yiwe n'uyu murwi azorangira mu ci riza. (Telegraph - subscription required)
Atletico Madrid iriko iraraba ingene yoronka umusatirizi wa Manchester United Anthony Martial 26 mu kugumuza n'uwundi. (Eurosport)
Manchester United ntiyiteze ko Jesse Lingard azohava ava muri uyu murwi mu kadirisha k'igura n'igurisha ry'abakinyi ko mu kwa mbere, na rirya uyu mwongereza w'imyaka 28 asanzwe akina hagati ariko aregereza amezi atandatu ya nyuma mu masezerano yiwe. (Manchester Evening News)
Nyene umurwi wa Chelsea Roman Abramovich arababajwe n'ingene Real Madrid yakajije akariro mu kurondera umukinyi w'inyuma w'uyu murwi wa Stamford Bridge, umudagi Antonio Rudiger, 28, kandi ashobora guhagarika umugambi wo kugarukana umusatirizi w'umubirigi Eden Hazard, 30, ubu akina muri uyo murwi wo muri Espagne. (El Nacional, via Mail)
Ahavuye isanamu, Getty Images
Antonio Rudiger
Barcelona iriko irihweza nimba yogura umusatirizi wa Gabon Pierre-Emerick Aubameyang yatswe ikibanza ca kizigenza muri Arsenal - ariko ikibazo kikaba umushahara w'uyu mukinyi w'imyaka 32 usanzwe ari munini. (Independent)
West Ham iriteguye kubandanya urugamba rwo kurondera umukini w'inyuma Nathaniel Phillips, 24, wa Liverpool mu kwa mbere, n'aho aherutse kuvunika.(Standard)
Ahavuye isanamu, EPA
Pierre-Emerick Aubameyang aherutse kwakwa ikibanza ca gizigenza muri Arsenal
West Ham kandi irafise icizere co kuronka umukinyi w'inyuma, umunya Serbia Nikola Milenkovic, 24, asa n'uwuherutse kuvyumvikanako na nyene umurwi wiwe wa Fiorentina, ibi bikumvikana ko ashobora kuba ari mu nzira agenda. (Teamtalk)
Fiorentina yashize igiciro c'imiriyoni 100 y'ama euros ku musatirizi wayo, umunya Serbia Dusan Vlahovic, 21. (Gazzetta dello Sport - subscription required)
Paris St-Germain, Barcelona, Liverpool, Manchester City na Tottenham yose ivugwa ko iriko irakurikiranira hagufi umukinyi w'umufaransa akina ku ruhande rw'ububamfu inyuma Rayan Ait-Nouri, 20, ariko Wolves ishobora kuzoronswa 50% gusa vy'ayotangwa kubera ingene umurongo werekeye igurishwa rwiwe uvuga. (Mail)
Ahavuye isanamu, Getty Images
Barcelona iriko irategura ingene yokora igitero ku murwi Chelsea kugira ngo iwutware umukinyi wo kuruhande rw'ibubamfu inyuma, umunya Hollande Ian Maatsen, 19, asanzwe yaratijijwe mu kiringo c'umwaka w'inkino wose mu murwi wo mu cicaro ca kabiri wa Coventry. (Football Insider)
Chelsea nta bushobozi ifise bwo kugarukana umukinyi wo hagati w'umwongereza Conor Gallagher, 21, iyo yatijijwe muri Crystal Palace mu kwa mbere kubera mu masezerano y'intizo y'umwaka wose harimwo umurongo uvuga ko ibi bishoboka mu gihe yoba amaze gukina inkino ziri musi ya 50% muri uyu murwi wa Selhurst Park. (Times - subscription required)
Real Madrid yaganiriye n'umukuru w'igisata co kwinonora imitsi wa Liverpool Michael Edwards yiteze kuva muri uyu murwi wa Anfield mu mpera z'iri higanwa, kugira no abandanye ico gikorwa nyene i Bernabeu. (Independent)