Imikino ya Commonwealth mu Buhindi

Ibirori vyo gutanguza imikino ya Commonwealth i New Delhi
Image caption Ibirori vyo gutanguza imikino ya Commonwealth i New Delhi

Imikino yo kunonora imitsi igira cumi c'inicenda y'ishirahamwe ry'ibihugu bikoresha ururimi rw'icongereza yatanguye icese mu muji wa New Delhi mu Buhindi.

Imikino yuguruwe ku mugaragari ejo kuwa Mungu, yugururwa n'umukuru w'igihugu w'Ubuhindi hamwe n'umuganwa Charles wo mu Bwongereza.

Mu Karere u Rwanda ruri mu bihugu vyarungitse abanonotsi, hakaba harimwo abasiganwa biruka, abasiganwa ku makinga hamwe n'aboga.

Iyi mikino yo mu Buhindi itanguye yari yabanje gutera amakenga kubera umwiteguro utagenze neza, mbere abanonotsi bamwe bamwe bakaba barahisemwo kutayitaba.

Imikino bwite yatanguye uno munsi, mukazoja murayikurikirana ku munsi ku munsi uko izoja iragenda, muyishikirizwa n'umunyamakuru wa BBC, Yves Bucyana, ari mu Buhindi.