TP Mazembe iri munzira yo gutwara igikombe ca Africa

TP Mazembe ivyifashemwo neza mu gikombe ca Afrika c'imigwi
Image caption P Mazembe ivyifashemwo neza mu gikombe ca Afrika c'imigwi

Umugwi wo muri Kongo TP Mazembe wagumanye icizere co kugumana igikombe ca Afrika c'imigwi nyuma yo gutsinda JS Kabylie yo muri Algeira 3-1 mu ca kabiri c'ihiganwa kuwa Mungu.

Al Ahly yo muri Agypt imaze kugitwara inshuro zitandatu yatsinze Esperance yo muri Tunis 2-1 biyigoye Muri Tunisia.

Uwo mugwi wo muri Egypt winjije bibiri mu rukino rwabanjirije vyinjijwe na Mohamed Fadl na Ahmed Fathi kuri Cairo Stadium.

Ariko kapitene wa Esperance Oussama Darrigi yaciye mu ryahumye umunyegoli wa Ahly, Sherif Ekrami, aca agabanya ubudasa mu bitsindo.

Hagati aho ibitsindo bibiri vy'umukinyi w'imbere, Alain Kaluyituka Dioko, vyafashije umugwi wo muri Kongo gutahukana intsinzi i Lubumbashi.

Dioko yahaye igitsindo TP Mazembe mu minota cumi y'urukino ku mupira yahawe na Patou Kabangu akenyurira umunyegoli w'abanye Algeria.

Mazembe yigaruriye urukino mu gice ca mbere ariko JS Kabylie yarisununuye nyuma y'akaruhuko ishobora no kwishura igitsindo ku munota wa 70 cinjijwe na Nabil Yalaoui.

Umumenyereza wa Mazembe Lamine Ndiaye yaciye abasaba kwikubita agashi kubera guhererekanya umupira n'ingoga kwa Kabylie.

Vyagize ico bitanga kuko umukinyi yasubiriye uwundi, Kasongo Ngandu, yinjije ica kabiri ca Mazembe ku munota wa 83 imbere y'uko Dioko yinjiza n'umutwe ica gatatu c'intsinzi.