Fifa iheraniye amatike abarorerezi 2000

Abakunzi b'umupira w'amaguru mu gikombe c'isi muri Afrika y'epfo
Image caption Abakunzi b'umupira w'amaguru mu gikombe c'isi muri Afrika y'epfo

Abantu barenga 2000 baracaheraniwe na Fifa kubera ikibazo co kubasubiza mu gihe amatike yabo y'igikombe c'isi yagurishijwe ku rubuga rwayo.

Amatike atari agikenewe yashobora gusubizwa Fifa, ukariha amahera makeyi, yoyo igaca yironderera uwundi ayagura.

Ababiteguye bari bemeye ko bazosubiza amahera abo basubije amatike mu ndwi zine nyuma y'impera z'igikombe c'isi.

Ica kane kirenga c'abasubizwa ayo mahera ntayo baronse igihe Fifa yagerageje gusubiza amahera abantu 21.500.

Kugurisha amatike ku rubuga ntivyakunzwe cane, ariko babishize mu tuguriro amatike arenga 100.000 yaciye agurwa n'abarorerezi bo muri Afrika y'epfo.

Abasubije amatike batarasubizwa amahera bashobora kurungikira email abayadandaza kuri enquiries@2010fwctc.com.