Fifa yadohoreye Nigeria

Fifa yadohoreye Nigeria
Image caption Fifa yadohoreye Nigeria

Ishyirahamwe ry'umupira w'amaguru kw'isi FIFA, ryabaye rikuyeho ibihano ryafashe byo guhagarika umurwi nserukiragihugu w'umupira w'amaguru wa Nigeria.

Iki cyemezo kizatuma uyu murwi wa Nigeria uzashobora gukina ku cyumweru na Guinea mu guhatanira igikombe cy'Afrika cy'imirwi nserukira bihugu.

Uyu mukino wari wigijwe inyuma muri iki cyumweru nyuma yaho FIFA ihagarikiye uwo murwi kuko leta ya Nigeria yari yivanze mu bikorwa by'ishyirahamwe ry'umupira w'amaguru muri Nigeria.